Zidafise Umuce

Gasape agiye gushiraho ikarata simu ifise interinete y’umuvuduko munini.

Perry Saxe Gateka agiye gushiraho ikarata simu izoba ikora gusa ibijanye na interinete inyuma yo kubona yuko umuvuduko mu gihugu c’ Uburundi uri hasi, ibikorwa vyigerageza ubwo buhinga vyaramaze gutagura kubigira aho kumuseguda umwe abazokoresha iyo karata simu izoba ifise umuvuduko wa Megabayiti 35. 
Ayo makuru nkuko tuyakesha urubuga rw’ imboneshakure Humuriz, Perry Saxe Gateka benshi bamutaziriye Gasape aremeza yuko uwo muhora wa interinete uri hasi cane gose ikaba izokorana na Saterite yitwa Nano Satisfi yavuze
ati: “Nayikoze kubera nari numva nashegeshwe. Izokorera kuri Satelite yitwa Nano Satisfi, kandi mu ntango, jewe n’umurwi wanje, tuzokora igerageza kugira ngo tuze twemeze neza nimba tubonye vy’ukuri ko abarundi izodufasha. Twasavye gusembera mu kumba gatoya kiyo saterite, twatomboye baratwumva, banaturihisha make yo gupanga kugira turabe ko bikunda. Ni vyakunda, tuzoheza twegere inzego zijejwe ubuhinga bwo guhamahana amakuru muhira mu Burundi, maze umuhora Gasape Igiga uheze ukore wemewe n’ amategeko y’Uburundi”.
Gasape agira azane iyo karata simu.
Gasape muriwe yumvako gushiraho  uwo muhora kuriwe azoba arishe indeni kuko Uburundi bufise ico babitezeko ati :”Sinkenera guhembwa. Uburundi bufise ico butwitezeko twese. Ndabikoze, nikuyeko ideni, ntabikoze ni ideni kuri jewe”.
Aheraheza ashikiriza yuko ivyo bikorwa vyataguye kandi n’uwuzoba ari musi y’urutara interinete izomushikira neza yavuze ati :”Ubu nyene tukivugana, ibikorwa biratanguye. Ugupima kwa mbere kwemeje neza ko iyo interenete izogira umuvuduko ungana na Megabayiti 35 zirenga gato kumuseguda aho uhagaze hose naho uzoba uri musi y’urutara.”
Twashatse kumenya aho akura uburyo bumutuma akora ivyo bintu vyose, Saxe Perry avuga yuko ahanini mu bijanye n’uburyo akoresha yimenya, mu majambo yiwe akagira ati “jewe igihe cose namye ndya ikiremve ndacirasheko”. Hari bumwe muburyo bumufasha aronka kubera hari abamenyekanisha ibintu vyabo ku mboneshakure canke insamirizi.
Urubuga hwaniro Gasape yataguje.
Mwomenya yuko Gasape yataguye gukora insamirizi afise imyaka 14 uyu musi yitwa Humuruza yumvikana mu ntara 4,  ashiraho urubuga hwaniro Gasape.com nkakurya hariho Facebook, tweet n’izindi.

Related posts

Afrika y’Epfo: Abantu barenga 70 bahitanywe n’insanganya y’umuriro.

Yvan Manager

Angeline Ndayishimiye yitavye inama “Women Deliver 2023 Conference” i Kigali.

Yvan Manager

Impusha z’amashirahamwe yo kwunguruza abantu mu miduga zirahagaritswe.

Buja Media

Leave a Comment