Zidafise Umuce

Impusha z’amashirahamwe yo kwunguruza abantu mu miduga zirahagaritswe.

Nk’uko biri mwitegeko rishasha rigenga amashirahamwe yunguruza abantu n’ibintu , amashirahamwe yose yunguruza abantu n’ibintu yaba ayo hagati mu gihugu canke ayajabuka imbibe ategerezwa kwiyandikisha bushasha kuko impusha bahorana zahagaritswe.

Ir Innocent NIBIZI Umuyobozi Mukuru ajejwe gutwara abantu n’ibintu.

Ukwo kwiyandikisha nakwo kuzohera itariki 31 Ntwarante 2023 kandi uwo hazogera iyo tariki atariyandisha azokwandikwa abanje kuriha amafaranga angana n’ibice 50% vy’amahera yo kwiyandikishako.

Umuyobozi mukuru ajejwe gutwara abantu n’ibintu Ir Innocent NIBIZI amenyeshako impusha zemerera amashirahamwe atwara abantu n’ibintu yahora aronka uruhusha kubuntu ariko mwitegeko rishasha ayo mashirahamwe ategerezwa kuriha amafaranga bivanye n’ubwoko bw’imodoka .

Ir Innocent NIBIZI akavugako intumbero y’iyo ngingo ari kugira ayo mashirahamwe aterere mw’iterambere ry’igihugu ndetse hakurweho n’ingorane zahora zibonekeza muri ico gisata co kwuguruza abantu n’ibintu.

Mwomenyako ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa 28 Ruhuhuma 2023 mu nama ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu yantunganije ku baserukira amashirahamwe yunguruza abantu mu ntumbero yo guca hirya no hino amategeko mashasha agenga ayo mashirahamwe.

 

Related posts

Miss Burundi: Amazina 26 yabagiye mu 1/2 c’ihiganwa.

Yvan Manager

Kirundo: Umushikiranganji w’ Ubutungane yagize inama ku kibazo ca Christella Ndayishimiye cabuze inyishu.

Yvan Manager

Angeline Ndayishimiye yitavye inama “Women Deliver 2023 Conference” i Kigali.

Yvan Manager

Leave a Comment