Zidafise Umuce

Afrika y’Epfo: Abantu barenga 70 bahitanywe n’insanganya y’umuriro.

Abantu barenga 70 nibo bahitanywe n’insanganya ry’umuriro mu gisagara ca Johannesburg muri Afrika y’Epfo mu nzu nini irimwo igorofa 4, abashika 50 barakomereka harimwo abakorotse baciye hejuru mu madirisha kubera imyango yiyo gorofa yaciye yanka kwunguruka. Abategetsi ba Johannesburg bamenyesha yuko bataramenya ico uwo muriro wavuyeko. Ni mugisagara cahora cigarurirye n’abagizi ba nabi nkuko vyemezwa n’uwutwara ico gisagara. Vyabaye mw’ijoro ry’igenekerezo rya 30.

Abantu bagenda banyura iruhande rw'inyubako yahiye i Johannesburg, muri Afurika y'Epfo

Nkuko iyi nkuru tuyikesha ikinyamakuru BBC, Robert Mulaudzi umuvugizi w’inzego zo gutabara imbabare ko abazimya umuriro bashoboye gukuramwo bamwe mu baba muri iyo nyubako. Yavuze ko umuriro wahaturiye hose ko igikorwa co kurondera abandi bapfuye kibandanya kandi ko bagirako bahakura imivyimba y’abapfuye. Ibinyamakuru vyo murico gihugu ca Afrika y’Epfo, bivuga yuko agace iyo nzu yarimwo kabamwo n’abantu benshi bava mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika ariko badafise ivyangombwa.

Inyuma y’uwo muriro, abanya Afurika y’Epfo benshi bashikirije ku mbuga ngurukanabumenyi bikeka ko iyo nsanganya yoba ari urwanko banka abanyamahanga kubera baje kubatwara ubuzi.

Related posts

Umurundi w’imyaka 16, yakoze urubuga hwaniro yise “Frasasu” rukiri mw’igeragezwa.

Yvan Manager

Miss Burundi: Amazina 26 yabagiye mu 1/2 c’ihiganwa.

Yvan Manager

AFCON 2023: Uburundi bwirahiye Sudan y’Epfo ku manota 57 kuri 42.

Yvan Manager

Leave a Comment