Imyidagaduro

Amashene mashasha 9 y’ Igiswahiri kuri Canal+.

Ishirahamwe ridandaza amasanamu Canal + ikorera mu Burundi yazanye amashene 9 ari mu rurimi rw’igiswahiri nka RTNK(365), ITV (395), EATV(396), TBC1(397), TBC2(398), Sinema Zetu(399), UTV(400), Ktn(403), Ktn News(404). Murizo shene harimwo izerekana ibiganiro bitandukanye, amakuru y’ inkino, imiziki n’ibindi.

Nkuko biboneka kurico gicapo, Canal + yashize ahabona igenekerezo rya 21 Ntwarante 2023. Uwo mutekero wizo shene z’ igiswahiri bazise “Burudika kwa Kiswahili” bisigura ngo “Nezerwa mu Giswahili”. Murizo shene  TBC1(397), TBC2(398) bagira ibiganiro vy’ inkino, Sinema Zetu(399) berekana ireresi zitandukanye zigenda zirigisha vyinshi mu kibano ndetse n’ibiganiro vyerekana ukuntu ireresi zikorwa canke ibindi bitari kure yizo reresi. Kubasanzwe bakunda imiziki iri mu rurimi rw’ Igiswahiri nabo nyene bazokwisangamwo baraba kuri EATV(396).

Abantu benshi baripfuje kuja baramenya amakuru yimbitse yo muri kano karere k’ubuseruko nabo nyene Canal + yarabazaniye ishene KTN News. Ishene RTNK niyo mugihugu kibanyi ca Congo mu ntara ya Bukavu amaja haruguru yayo, ITV(395) niyo mu gihugu ca Tazaniya. KTN news ishirako amakuru menshi yo mu gihugu ca Kenya narirya ivyo bihugu vyose Uburundi busanzwe burikumwe mu bihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Hugues Mbonimpa atwara igisata c’ ubudandaji muri Canal+ mu Burundi.

Kuruhande rwa Hugues Mbonimpa atwara igisata c’ ubudandaji muri Canal+ yamenyesheje Buja FM yuko bumvise akamo batewe n’abakunzi babo kuko basanze hari abakunda kumenya vyinshi biba mu bisata vy’inkino, imiziki ndetse na poritique. Hugues Mbonimpa ati “Nuko twashatse ko n’abavuga ururimo rw’igiswahiri baba muburundi ari abarundi canke abashitsi batugendeye bashobora kumviriza ibiganiro n’amakuru mururimi rw’igiswahiri”.

Yamenyesheje yuko imiryango yuguruye kubabakurikirana iminsi yose bababwire ibindi vyiza bindi bokwogerako, nubu bariko baratanga poromosiyo zitandukanye, uwuguze ubu ama inite ayari yo yose baca bamwogera imisi 15 ariko araba amashene yose ivyo bita “Tout Canal”.

Related posts

Festival Canal Comedy Buja 2023: Izokwerekanwa igenekerezo rya 28 Rusama 2023 kuri Canal 22 isaha 18h45 kw’isaha yo mu Burundi.

Yvan Manager

Umukuru w’Igihugu yuguruye indwi yahariwe abarundi baba mu makungu.

Yvan Manager

Bujumbura: Hateguwe ibiteramo vyo kwibuka Bob Marley.

Yvan Manager

Leave a Comment