Ibigezweho

Amkeni bayihagaritse babuza uwayiririmvye gusubira kuririmbira muri Tanzaniya kubera inegura ubutegetsi.

Nay wa Mitego asanzwe aririmba umuziki yise Amkeni wo mu bwoko bwa rap yarabujijwe n’ubutegetsi bwa Tanzaniya kuvuza umuziki wiwe mushasha kumvo zuko basanze unegura ubutegetsi inyuma y’igihe aheruka yararengukishijwe n’igiporisi ku wa gatatu amaze amasaha atari make abazwa n’igipolisi agahava arekurwa mu nyuma ataze ingwati ku birego vyo kugumura abanyagihugu. Iyo ndirimbo barayihagaritse mu gihugu cose mbere banamubuza gusubira kuririmba murico gihugu”. Basata caritwaye kivuga ko iyo ndirimbo irimwo amajambo y’agasomborotso.

Image
Jedra Kambole Umushigwamanza wa Nay wa Mitego.

Nk’uko umushingwamanza wiwe, Jebra Kambole, yabibwiye BBC yemeza ivyo uwavugira yuko yarengukishijwe kubijanye n’uwo muziki mu Kirundi twogereranya na “Ikangure“, iranegura cane ubutegetsi bw’iki gihugu ikaba irimwo umurongo usa n’uwagiriza Umukuru w’ Igihugu ahari ubu “gusasira indava abasuma” no kunanirwa gushira mu ngiro ivyo yemereye abanyagihugu.

Ikigo kijejwe kugenzura amajambo yari muriyo ndirimbo “Basata” caritwaye kivuga ko ino ndirimbo irimwo amajambo y’agasomborotso, ariko si ivyo gusa, barabujije ino ndirimbo mu gihugu cose mbere banamubuza gusubira kuririmba muri Tanzania”.

Mwomenye yuko atari irya mbere Nay agiriranira ibibazo n’ubutegetsi – akaba amaze guhagarikwa incuro zitari nke hanyuma akarekurwa kubera imiziki yiwe yo kunegura ku bibazo bitandukanye vy’igihugu.

Related posts

Umuririmvyi Saïdi Brazza yitavye Imana.

Buja Media

BURUNDI: Imyiteguro yo kwakira ihiganwa y’isi muri Beachvolley,igeze ku bice 80/100

Buja Media

“Imana y’akandi karyo” ya Pastor Lopez itahukanye Isanganiro Award kuncuro ya 13.

Buja Media

Leave a Comment