Ibigezweho

Amkeni bayihagaritse babuza uwayiririmvye gusubira kuririmbira muri Tanzaniya kubera inegura ubutegetsi.

Nay wa Mitego asanzwe aririmba umuziki yise Amkeni wo mu bwoko bwa rap yarabujijwe n’ubutegetsi bwa Tanzaniya kuvuza umuziki wiwe mushasha kumvo zuko basanze unegura ubutegetsi inyuma y’igihe aheruka yararengukishijwe n’igiporisi ku wa gatatu amaze amasaha atari make abazwa n’igipolisi agahava arekurwa mu nyuma ataze ingwati ku birego vyo kugumura abanyagihugu. Iyo ndirimbo barayihagaritse mu gihugu cose mbere banamubuza gusubira kuririmba murico gihugu”. Basata caritwaye kivuga ko iyo ndirimbo irimwo amajambo y’agasomborotso.

Image
Jedra Kambole Umushigwamanza wa Nay wa Mitego.

Nk’uko umushingwamanza wiwe, Jebra Kambole, yabibwiye BBC yemeza ivyo uwavugira yuko yarengukishijwe kubijanye n’uwo muziki mu Kirundi twogereranya na “Ikangure“, iranegura cane ubutegetsi bw’iki gihugu ikaba irimwo umurongo usa n’uwagiriza Umukuru w’ Igihugu ahari ubu “gusasira indava abasuma” no kunanirwa gushira mu ngiro ivyo yemereye abanyagihugu.

Ikigo kijejwe kugenzura amajambo yari muriyo ndirimbo “Basata” caritwaye kivuga ko ino ndirimbo irimwo amajambo y’agasomborotso, ariko si ivyo gusa, barabujije ino ndirimbo mu gihugu cose mbere banamubuza gusubira kuririmba muri Tanzania”.

Mwomenye yuko atari irya mbere Nay agiriranira ibibazo n’ubutegetsi – akaba amaze guhagarikwa incuro zitari nke hanyuma akarekurwa kubera imiziki yiwe yo kunegura ku bibazo bitandukanye vy’igihugu.

Related posts

E. Ndayishimiye yahaye umubonano Umunyamabanga Mukuru wa ONU imbere yuko inama igira 11 itangura.

Yvan Manager

RWANDA: Nabifashe nk’inkuru, Tshisekedi yipfuza guhindura ubutegetsi bw’u Rwanda.

Buja Media

Patrick Kanianga asaba ikigongwe, inyuma yo kwirukanwa mu mw’ iherero w’Intamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Leave a Comment