Ku ncuro igira 6, abanonotsi batwara amakinga bo muri kano karere k’ubuseruko baraciye mu Burundi bazuguruka ibihugu 5 muri 7 biri muraka karere nkuko Samuel Niyubahwe Umuyobozi Mukuru arongoye urwaruka, inkino n’imico kama mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo iyinjira ry’ Uburundi muri Afrika y’ubuseruko. Bazohagenda iminsi iri hagati ya 50 na 60 n’ibirometero biri hagati ya 4.500 na 6000. umwe mu banonotsi akaba ari umurundi ashikiriza ko urwo rugendo rubashimisha kuko rwerekana ko hari amahoro menshi kandi ,akarere ka Afrika kamaze kuba igihugu kimwe.
Umwe mubarundi ashikiriza kuntambamyi bahura nazo mw’ibarabara bahura n’imiduga myinshi ndetse bakabura n’amazi y’ukunwa mu gihe baba bari muri urwo rugendo.
Ivyo biruko mu gihe urwo rugendo ruba rimwe mu mwaka kandi ko bimaze kuzana akarusho kenshi, ijoro ryabo rya mbere baraye muri komine Nyanza Lac baca mu Romonge baruhukira mu ntara ya Bujumbura.