Inkino

Abanonotsi batwara amakinga bariko bazuguruka ibihugu biri muri kano karere ka EAC.

Ku ncuro igira 6, abanonotsi batwara amakinga bo muri kano karere k’ubuseruko baraciye mu Burundi bazuguruka ibihugu 5 muri 7 biri muraka karere nkuko Samuel Niyubahwe Umuyobozi Mukuru arongoye urwaruka, inkino n’imico kama mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo iyinjira ry’ Uburundi muri Afrika y’ubuseruko. Bazohagenda iminsi iri hagati ya 50 na 60 n’ibirometero biri hagati ya 4.500 na 6000. umwe mu banonotsi akaba ari umurundi ashikiriza ko urwo rugendo rubashimisha kuko rwerekana ko hari amahoro menshi kandi ,akarere ka Afrika kamaze kuba igihugu kimwe.
ImageIbihugu 5 muri 7 vyo mu karere k’ubuseruko nivyo bagiye gucamwo,igenekerezo rya 01 Nyakanga bahereye mu gihugu ca Ouganda. Samuel Niyubahwe amenyesha ko abanonotsi banyonga amakinga bababa 30 binjiye mu Burundi ku wa 7 Nyakanga 2023 binjiranye mu ntara ya Makamba ku rubibe rw’uburundi na Tanzania. Abo banyonzi bakaba bariko berekeza mu ntara ya Ngozi kuri uyu wa 11/09/2023. Amenyesha kandi ko urwo rugendo ruba uko umwaka utashe kugira ngo abenegihugu babone akamaro ko kwinjira mu karere ka Afrika y’ubuseruko.
Image
Umwe mubarundi ashikiriza kuntambamyi bahura nazo mw’ibarabara bahura n’imiduga myinshi ndetse bakabura n’amazi y’ukunwa mu gihe baba bari muri urwo rugendo.
Ivyo biruko mu gihe urwo rugendo ruba rimwe mu mwaka kandi ko bimaze kuzana akarusho kenshi, ijoro ryabo rya mbere baraye muri komine Nyanza Lac baca mu Romonge baruhukira mu ntara ya Bujumbura.

Related posts

Volley-Ball: Rukinzo, ASB, PTT na Muzinga muri Final.

Buja Media

Amazina y’abakinyi bazokina urukino na Cameroun yamaze kumenyekana.

Yvan Manager

Cecafa Champions League: Buja Queen’s mu 1/2 finale.

Yvan Manager

Leave a Comment