Imibano

Gitega: “Birashoboka kw’abakenyezi n’abigeme batera imbere bakoreye murunani”

Komine ya Gitega ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rihurikiyemwo ibisagara bivuga uririmi rw’igifaransa hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bagiye kubaka ikigo c’iterambere ry’abakenyezi kidasanzwe kizorangurirwamwo imyuga itandukanye nkuko musitaneri wa Gitega Jacques Nduwimana yabishikirije, kuwa  21 Munyonyo.
Mu ruganda rwatunganijwe na komine Gitega ishigikiwe kubasanzwe bafasha mu migambi y’iterambere muri iyo komine kugira baganire, babasigure bongere bahanahane ivyiyumviro kucokorwa kugira umugambi batanguye wo kwegeranya abakenyezi b’amikoro make n’abagendana ubumuga butandukanye bo mu gisagara no mu micungararo yaco ugende neza .
Peut être une image de 9 personnes
Uwo mugambi haciye amezi 6 utanguye ukaba uzomara imyaka 2, uzofasha abakobwa n’abigeme bagera ku 1000 biciye mu kubigisha imyuga itandukanye n’imigambi yo kwiteza imbere.
Intumbero y’uwo mugambi ni iyo kurwanya ingeso yo gusegerereza no gukora imyuga itarekuwe n’amategeko.
Musitanteri wa komine Jacques Nduwimana avuga ko amakoperative 6 ahurikiyemwo imirwi y’abakenyezi b’amikoro make, abahoze bacuruza imibiri,abarwaye umugera wa Sida,abagendana ubumuga bwo kumubiri,abigeme b’abarondezi b’akazi bari kukivi kandi baramaze gushigikirwa ndetse hari n’abamaze gutera intambwe mukwiteza imbere. Ahamagarira abifese uruhara mw’iterambere ry’abakenyi kugira ico baterereye,umwe wese muvyo ashoboye kugira bashike kwihangiro ry’umugambi wuko umukenyezi w’umurundi wese yotera imbere.
Aucune description de photo disponible.
Manirambona Venant Buramatari wa Gitega.
Venant Manirambona atwara iyo ntara asaba abajejwe gukurikirana uwo mugambi gukorera hamwe n’abandi bafise imigambi isa n’iyo iriko irashirwa mungiro.Ikindi abasaba kumenya neza abakwiye kuja mu mugambi bakareka gushiramwo akamwana wa mama kugira ntihagire uwusigara inyuma mw’iterambere gutyo ineza yabose ishirwe imbere. Yarangije ahamagarira abantu bose bafise ico boterera uhereye ku mashirahamwe afasha mw’iterambere n’abandi gukora ico gikorwa badashize imbere inyungu zabo kugira biheshe iteka.
Mwomenya yuko  mugisagara ca Gitega hibonekeza abakenyezi n’abigeme bafise ibibazo bitandukanye.

Related posts

“Banyagisagara,twirinde ibihuha kuko bisamaza” Dr Sabine Ntakarutimana

Yvan Manager

“Reta y’Uburundi igiye kurondera ubwoko bwiza bw’inkwavu zunguka” E. Ndayishimiye

Yvan Manager

UMUKENYEZI YAGIZE URUHARA MUKUGARUKANA AMAHORO.

Buja Media

Leave a Comment