Ubutunzi

“Twihaye imyaka 5 y’urugamba rwo kurwanya ubukene” Reverien Ndikuriyo

Mu nama Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reverien Ndikuriyo ariko aragirisha kuri uyu wa gatatu, abarwizatunga mw’i hoteli Eden Garden, amenyesha ko nk’umugambwe uri ku butegetsi batanguye urugamba rwo kurwanya ubukene. Ivyo Uburundi bushora hanze ngo bizane amafaranga y’agaciro bitera bigabanuka, Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubudandaji.
Image
Inama ayigirisha mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene bokora ata wusigaye inyuma kugira baduze ubutunzi bw’igihugu kuko ngo umwanya Abarundi bataye ukwiye, ko rero hageze ko basubiramwo gutunganya neza ibijanye n’ubutunzi.
Reverien Ndikuriyo akaba amenyesha ko bariko barashira Abarundi ku bikorwa biciye mu butumwa bagiye baratanga mu mazone yose agize igihugu c’Uburundi.
Akaba avuga ko urwo rugamba baruhaye ikiringo c’imyaka itanu kugira ngo babe babonye umusaruro.
Iyo nama ikaba ije ikurikira inama yari yagirishijwe n’umukuru w’igihugu ejo haheze, aho nawe yari yakoranije abakorera mu gisata c’ubutunzi kugira ngo n’abo nyene bigire hamwe uko bogiteza imbere.
ImageIvyo Uburundi bushora hanze ngo bizane amafaranga y’agaciro bitera bigabanuka, Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubudandaji,Marie Chantal Nijimbere. Marie Chantal Nijimbere mu cigwa yatanze arererkana ingene muri ino myaka cumi n’ibiri irangiye ibizana amafaranga y’agaciro uburundi bushora hanze bigenda biragabanuka atanga akarorero k’igitegwa c’ikawa cahora kibica bigacika mukuzana amafaranga y’agaciro, nko mu mwaka w’2010, itoni 20661 ariko mu mwaka w’2020 igihugu cashoye itoni 12896 gusa .

Related posts

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Yvan Manager

“Kubahiriza amategeko ku kumafaranga mvamakungu” Gervais Ndirakobuca.

Yvan Manager

BBN yugaye ama station 3 yahiritse iminzani kandi acibwa ihadabu incuro 20.

Yvan Manager

Leave a Comment