Ibigezweho

Ivyaranze bikuru bikuru indwi yo kuva 18 gushika 24 Nyakanga mu Burundi.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarashikirije ijambo mu nama ya bose ihuza ibihugu bihurikiye muri ONU mu gihe hariko haraba inama idasanzwe igiri 78 y’umuryango wa ONU kuva ku wa 19 gushika ku wa 26/09/2023.

Umushikiranganji wa mbere Gervais NDIRAKOBUCA yahaye umubonano intumwa z’ibanki y’isi yose zikaba zari zirongowe n’uwuserukira ibanki y’isi mu Burundi Hawa Cissé Wague, ibanki y’isi yose igiye gushigikira reta y’uburundi mu mafaranga izokoresha kumwaka kumwaka

Peut être une image de 1 personne, salle de presse et estrade

Mu gihe hariko harazunguruka “ibihuha” muma bus n’ahandi ko ibiciro vy’ibitoro bigire biduzwe, Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye ajejwe amasoko ntanganguvu arabibeshuza ko atari vyo. Agasaba inzego zibijejwe gutuza “iyo ngendo yo gushaka guhungabanya ubutunzi bw’igihugu”.

Ihuriro ry’urwaruka rw’incabwenge rufashwe mumugongo n’umugambi PAEEJ ryagarutse ku ncuro ya gatatu,,rikaba ryatunganirijwe mu gisagara ca Bujumbura n’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo urwaruka biciye mu kigo PAEEJ.

Peut être une image de 1 personneMu ntara ya Ruyigi, mu kiruhuko kirangiye, abanyeshure barakoze birashimwa, amafuru menshi bakoze yatumye n’ibeyi ry’itafari rikoroka.

Buramatari w’intara ya Muyinga yagarukiye ku bahuye n’umuriro kw’iseminari ntoya y’i Muyinga Imatela 14, amashuka 16 (16 paires), amakarato 16 y’amasabune, amakaye 160, imifuko 4 y’isukari, amavuta yo kwisiga, colgate, indobo 32, amakaramu 90 niko gaseke, Buramatari w’intara ya Muyinga yitwaje agiye kugarukira kw’iseminari ntoya y’i Muyinga.

Peut être une image de 12 personnes et texte

Intara ya Bubanza ba ntahonikora co kimwe n’abahohotewe bahamagarirwa kwegera amavuriro akorana n’ikigo SFBSP kugira bafashwe ku buntu.

Peut être une image de 11 personnes, table et éclairageUrwego CNC rwatunganije inyigisho nkarishaka bwenge ku bayobozi nshingwabikorwa n’abajejwe inganda mu binyamakuru bitandukanye bikorera mu Burundi.

Peut être une image de 1 personne, salle de presse et estrade

Amakoperative yaronkejwe ingurane na Reta asabwa gusubiza amahera. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse aragabisha abakoresheje nabi ingurane bahawe igihe yariko yishura ibibazo mu nama nshingamateka.
Peut être une image de 4 personnes
Gabriel Mpozagara yaciriwe imyaka 2 na sentare y’iyungururizo y’i Versailles igihano co gupfungwa (condamnation avec sursis). Bagirizwa ivyaha vyo « kugira umuja » uwundi murundi yabakorera mu kiringo c’imyaka 10. Bategerezwa gutanga n’indishi y’akababaro y’ibihumbi 20 vy’amafaranga y’amanyaburaya. yigeze kuba umushikiranganji wa mbere mu Burundi n’umutambukanyi wiwe Kandida. basazwe baba murico gihugu

Peut être une image de feu

Imodoka ya Interpetrol ipakiye amazutu yaraye igize isanganya i Karusi irasha iratokombera hasigara umunyota

Peut être une image de 3 personnes, personnes jouant au basket et texte qui dit ’du Coupe CONGO BasketNaBiso Guibert NIJIMBERE AMIBK BEST SCORER @youthbasketballdrc’
Guibert Nijimbere, yaraye atowe nk’umukinyi yigenjeje neza, akaba nuw’injije amanota menshi mw’ihiganwa
ry’igikombe ca RDC.
Peut être une image de 10 personnes, personnes qui étudient et bureau
Ikigo OBDA carahawe abaporisi bazogiherekeza mu kugirana amasezerano n’abakoresha ibikorwa mvabwenge.

Related posts

Patrick Kanianga asaba ikigongwe, inyuma yo kwirukanwa mu mw’ iherero w’Intamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Yasibijwe ku kanyuma ariko Ingoma yiwe irurira indenge.

Yvan Manager

Léonce Ngabo, Ednaky, Masterland na B Face bavuze iragi Saïdi Brazza abasigiye.

Yvan Manager

Leave a Comment