Imyidagaduro

Indirimbo “You Love” ya DJ Paulin feat Dram-T, Juno Kizigenza izosohoka kuruyu wa Gatatu.

Amasanamu yamaze kuja ahabona azoba ari mu ndirimbo iri mu mugambi Dj Paulin afise wo gufasha abaririmvyi ba barundi babishoboye mu bikorwa bitandukanye,  ni muriyo ntumbero kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Rusama hazosohoka indirimbo yise “You Love” izoba irimwo abaririmvyi 3 harimwo Juno Kizigenza wo mu gihugu c’ Urwanda. Amasanamu yiyo ndirimbo ariko akorwa na John elarts, Amir Pro niwe yakoze Audio muri MA Production.

Abatari bake baragize ico bashikiriza inyuma yo kubona kuri Facebook ya Dram-T abishizeko. Ico n’ikimenyetso cuko abakunzi b’umuziki ndundi barindiranye igishika kinini iyo ndirimbo narirya Dram-T amaze imisi yerekana yuko aririmba indirimbo ziriko zirakundwa n’abantu batandukanye hagati mu myaka.

Amasanamu yiyo ndirimbo yafatiwe mu gihugu c’Urwanda nkuko ayo makuru tuyakesha Dj Paulin asanzwe ari wenyene indirimbo. Iyo ndirimbo  You Love izoba iri mu gitigiri c’indirimbo Dram-T azoririmba mu giteramo azokorera mu Bubiligi no mu Bufaransa kuma genekerezo ya 27 na 28 Rusama uyu mwaka.

Vyinshi cane kuriyi ndirimbo “You Love” tuzobibashikira uko tuzogenda turamenya vyinshi.

Related posts

Khadja Nin ninde, yatanguye gute ubuzima bwo kuririmba?

Yvan Manager

Ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru bwatanze ibikoresho kubinyamakuru.

Yvan Manager

The Beatles wasohoye indirimbo hakoreshejwe ubuhinga inyuma y’imyaka 53 utakibaho

Yvan Manager

Leave a Comment