Imibano

“Reta y’Uburundi igiye kurondera ubwoko bwiza bw’inkwavu zunguka” E. Ndayishimiye

Umukuru w’Igihugu yagize urugendo ahakorera umugambi w’igihugu PAEEJ ufasha urwaruka gukora no gushira mu ngiro imigambi kugira bave mu bushomeri watagujwe n’Umukuru w’Igihugu, hari ku muhingamo wo kuri uyu wa 07/11/2023 mu ntara ya Gitega.  Evariste Ndayishimiye yakurikiranye inyigisho zizomara iminsi 3, amenyesha ko icifuzo aruko ubworozi bw’inkwavu bukwira igihugu cose ati: “Twasanze ari ubworozi bwunguka cane kandi bworoshe gukora” .
Peut être une image de 8 personnes
Nkuko Umukurucw’Igihugu afise intumbero yuko umunwa wose woronka icurya, umufuko wose ukaronka amafaranga, Umurundi azoba yoroye urukwavu azoshobora kuronka imfungurwa ndemamubiri hamwe n’amafaranga. Turazi ko hari bamwe bariko baratwenga uwo mugambi w’ubworozi bw’inkwavu ariko abawuzi barawuzi. Abari aha mwaramaze kuwumenya. Uwuri mu ntango umengo ntaho bija, ariko hari abamaze kubona akamaro kabwo”
Peut être une image de 10 personnes et foule
Agossou Senan Aziz atanga inyigisho.
Izo nyigisho zizomara iminsi 3, ziriko zitangwa n’umuhinga wo mu gihugu ca Bénin, yateje imbere cane ubworozi bw’inkwavu murico gihugu hamwe no mu bindi bihugu bibanyi ati “Kworora inkwavu n’umugambi wa mbere wunguka cane. Jewe nyene ndi akarorero k’ivyo mvuga.” Agossou Senan Aziz.
Peut être une image de 2 personnes, chou collard et blette
Evariste yagendeye akarima ko mu gikoni ki tomati kari mu kigo PAEEJ.
Umukuru w’igihugu yasavye ashimitse urwo rwaruka gukurikirana neza izo nyigisho kuko ari bo bagiye kuba abaserukizi mu kurangura uwo mugambi. Reta y’Uburundi ngo igiye kurondera ubwoko bwiza bw’inkwavu zunguka, mu nyuma ishireho amakoperative kugira vyorohe gukurikirana ubwo bworozi, maze hamaze kuboneka umusaruro ushimishije hashirweho amahinguriro kugira umwimbu ushoke no hanze y’igihugu

Related posts

Ihindagurika ry’ibihe ni inzitizi kw’iterambere rirama.

Buja Media

Angeline yagendeye umuvyeyi bashatse kwica kugira bamutware itongo.

Yvan Manager

N’akahe karusho ko kuganira k’ubuhinga bwo kunywanisha urwaruka mu kibano?

Yvan Manager

Leave a Comment