Inkino

Bamwe mu bakinyi b’Intamba mu Rugamba bamaze gushika muri Cameroun

Bamwe mu bakinyi b’Intamba mu Rugamba bari ku rutonde, umumenyereza w’intamba mu rugamba, Étienne Ndayiragije, yatoye ngo bazohangane na Cameroun mu rukino rwo ku wa 12 nyakanga 2023 aho bazoba bariko barondera uburenganzira bwo kuja muri CAN 2023. Étienne Ndayiragije yijeje Abarundi ko azobaha umunezero mu kuvuga ko urukino ruzobahuza n’ico gihugu gisanzwe gifise kahise mu mupira, ko bazoba bagiye kurondera intsinzi. Amwe mu mazina twamaze kumenya ni Musore Aaron, Justin Ndikumana, Rukundo Onesime, Nshimirimana Ismail Pitchou, Abedi Bigirimana na Mvuyekure Emmanuel Manu bamaze gushika muri Cameroun.

Urutonde rw’abakinyi bazokina na Cameroun.

Abakinyi b’umugwi nserukiragihugu bari ngaha i Bujumbura bashitse muri Ethopie bakirwa na Willy Nyamitwe asazwe aserukira uburundi murico gihugu, vyari bitegekanijwe yuko uyu munsi isaha zitatu z’igitondo bafata indege ibashikana muri Cameroun ahazobera urwo rukino.

Ivyo biruko mu gihe Rigorbet Song amenyereza umurwi nserukiragihugu wa Caméroun nawe bisa n’uko urwo rukino yarukaniye bikwiye kuko yatumyeko abakinyi b’ibihangange nka André Onana asamira umurwi wa Manchester United, Toko Ekambi, Vincent Aboubacar , Anguissa n’abandi.

Muravye abo Étienne Ndayiragije yizeye mubona hari amahirwe yo gusubira muri CAN?

Related posts

FFB: Urutonde rushasha rw’abakinyi nserukiragihugu.

Yvan Manager

Intumwa zidasanzwe za FIFA zashitse ku kibuga Intwari.

Buja Media

AFCON 2023: Intamba Mu Rugamba bafashe urugendo rubashikana muri Tanzaniya.

Yvan Manager

Leave a Comment