MumahangaUbutungane

Ihadabu ry’imiliyoni 10, sentare yaciriye umugore yabenze uwamurihiye kaminuza mu Buganda.

Ihadabu y’ imiliyoni 10, niyo mahera y’amarundi Sentare y’ uburengerazuba bw’ Ubuganda yaciriye umugore yabenze uwamurihiye kaminuza basezerana yuko azomutwara nkuko bari babisezeranye haraciye imyaka 4. Sentare ya Kanungu yaranse ibirengo vya Fortunate Kyarikunda kumvo zuko yahinduye ibirengo yari yatanze ubwa mbere.

 

Uwuburanira Kyarikunda yavuze ko atashimishijwe n’ ingingo sentare yafashe kandi ko azokungururiza ikindi nuko ibirengo vyiwe bitumviswe.Naho uruhande rwa Richard Tumwiine yitwaye ku birego vyuko uwo mugore yamuhemukiye.

Mu kwezi guheze nibwo sentare yashikirije ko uwo mugore Fortunate Kyarikunda yavuze kuvyo yemeye mu 2018 ko azarongorwa na Tumwiine amaze kumurihira akiga igisata c’ amategeko muri kaminuza.Tumwiine yareze muri Nyakanga umwaka  uheze avuga ko yari umukunzi wiwe yahinduye iryo sezerano yuko bazobana inyuma yuko ahejeje kwiga muri gisata Law Development Centre yo ku murwa mukuru Kampala.

Uburengerazuba bw’ iguhugu c’ Ubuganda

Inyandiko za sentare zirimwo uko abo babiri bahuye mu 2015 bagakundana ubigishaga kw’ ishuri rimwe i Kanungu. Tumwiine yemeje ko wewe na Kyarikunda bari bumvikanye yuko bazobana inyuma yo gukora ubugeni mukwezi kwa 2 mu mwaka uheze wi 2022, ariko uyu mukobwa acafata ingingo yo kubivamwo.

Urukiko ruvuga ko Kyarikunda yishe isezerano ryari rimaze imyaka ine, birtyo umucamanza Asanasio Mukobi asanga Kyarikunda yarahemukiye Tumwine.  Muri sentare basanze rutoha agaciro ibirego vy’umukobwa yavuze ko abavyeyi biwe bamubujije kurongorwa n’umusore akuze.

Sentare ivuga ko yagomba kuba yarahakanye imbere ndetse akanka no kwakira ayo amafaranga yarihiwe ishuri, sentare isanga ata shingiro afise ahubwo bakabona ko bwabaye uburyarya.Ntibaramenyekana neza yuko Kyarikunda azokuguruza muyindi sentare.

Sheila Kawamara ari mw’ ishirahamwe riharanira uburenganzira bw’abagore ’’ED EASSI’’.

Sheila Kawamara, ari mwishirahamwe riharanira uburenganzira bw’ abagore ED EASSI, avuga ko hari igihe rimwe na rimwe abagabo bajaniranya abakobwa bakabafasha mu buryo  bw’ amafaranga, babasaba yuko bazokubakana. Ariko ivyo navyo ntibiri kure yo guhohotera abo bigeme kuko babafatira ahantu nabo bisanga bavyemeye kubera kubura uko babigira.

 

Related posts

Kenya: Abantu 35 bashizwe ahabona bakekwa gukorana n’imirwi y’iterabwoba.

Yvan Manager

Rumonge: Abanyororo 31 barekuwe ivy’agateganyo.

Yvan Manager

Sarah Wilkinson, yamaze imyaka 20 yegeranya uburyo yirongora wenyene.

Yvan Manager

Leave a Comment