Mumahanga

Moise Katumbi agiye kwitoza nk’uwuserukira iyindi migambwe yabatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Uwahoze ari mushikiranganji wa mbere Augustin Matata Ponyo yavuye m matora yo kwiyamamariza mu matora azoba igenekerezo rya 20 Kigarama yari mu barondera kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo yidohoye, maze ashigikira Moïse Katumbi, yabicishije krbga rwiwe rwa X kuriwe yafatiye ku mubonanao yagiranye muundwi iheze bahuriza yuko Moise Katumbi ariwe yoserukira abatavuga rumwe n’ubtegetsi buhari.

Augustin Matata Ponyo yabaye umushikiranganji wa mbere wa DR Congo kuva muri Ndamukiza (4) 2012 gushika muri Kigarama (12) 2016 ku butegetsi bwa Joseph Kabila
Augustin Matata Ponyo yarabaye uumushikiranganji wa mbere mu 2016 gushika 2020.

Ati: “Nisunze iki cipfuzo, kandi mu kwubahiriza ingingo y’umugambwe wanje, nipfuje gutangaza ko nidohoye mu matora y’umukuru w’igihugu yo ku wa 20 Kigarama 2023 kugira ndekere Moïse Katumbi”,uku kwidohora kwanje gushingiye ku cipfuzo c’abanyagihugu bipfuza ko ubutegetsi buhinduka uko vyogenda kwose. Ishaka ry’abanyagihugu rirakomeye gusumba iryanje, sinshobora rero kurirwanya”.

Ivyo bashitseko muriyo nama nuko Matata Ponyo bumvikanye ko Moïse Katumbi “ashobora guserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi” muri ano matora. Matata Ponyo afise icizere kinini ko n’abandi batavuga rumwe n’ubutegetsi bazokora nkawe bagashigikira Katumbi.

Moise Katumbi ninde?

Uwo yahoze ari umukuru w’intara ya Katanga yarabaye kandi umushingamateka mu 2006. Katumbi yatangaje ko azohigaganira ikibanza c’umukuru w’igihugu 2018 ariko itariki yo gutanga dosiye iramurengana inyuma y’aho azibiriwe kwinjira mu gihugu atashe avuye mu buhungiro. Uwo mugwizatunga ni umwe mu bantu bakomeye cane muri Congo akaba n’umunyaporitike w’igihagararo kinini. Kuva atashe avuye mu buhungiro hanyuma akahukana muri poritike na Félix Tshisekedi, abonwa nk’umukeba akomeye cane w’umukuru w’igihugu. Afise umugambwe witwa “Ensemble pour la la République“.

Ivyo biruko mu gihe Moise Katumbi na Matata Ponyo bari mu butegetsi bwa Joseph Kabila. Matata yabaye umushikiranganji wa mbere mu kiringo c’imyaka irenga ine, Katumbi nawe ari buramatari w’intara ya Katanga itunze ubutare bw’umujumpu mu kiringo c’imyaka icenda.

Related posts

Abanya Gaza bariko bahunga baca ku mupaka Rafah baja muri Misiri.

Yvan Manager

Sylvia Bongo,umupfasoni w’Umukuru w’Igihugu Ali Bongo yinjiye ibohero r

Yvan Manager

Uwuzotanga amakuru yo gufata umukuru wa ADF, Amerika izomuha imiriyoni 5$.

Yvan Manager

Leave a Comment