Ubutunzi

Ibiciro vy’ibitoro vya Essence na Mazout vyagabanutse, Pétrole iraduga.

Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu ahejeje kumenyesha ibiciro bishasha vy’ibitoro inyuma yo kubishikiriza ku mugoroba wo kuwa 6 Gitugutu 2023 ibaye mu gihe igitoro cari kimaze iminsi kiguma kiduzwa akamenyesha ko ibiciro bizoguma bihindagurika bikaduga canke bikamanuka bivanye n’uko bizoba vyifashe kw’isoko mpuzamakungu.
Mu gisagara ca Bujumbura
 Essence igiciro cakorotse kva ku mafaranga y’amarundi 4350 kw’iritiro, mu gihe cahora ku mafaranga y’amarundi 4550 kw’iritiro ariko igitoro kiri  mubwoko bwa Mazout nayo nyene igiciro cagabanutse ku mafaranga y’amarundi 4395 kija ku mafaranga y’amarundi 4235 kw’iritiro ni mu gihe igiciro ca Pétrole co caduze igiciro kw’iritiro ku mafaranga y’amarundi 4250 mu gihe cahora ku mafaranga y’amarundi 4150.
Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye amenyesha ko ivyo biciro bigabanijwe kubera ko ibiciro vy’ivyo bitoro vya Essence na Mazout vyagabanutse kw’isoko mpuzamakungu . Ikindi avuga ko catumye ivyo biciro bija hasi ni uko ibiciro vyo kwunguruza ivyo bitoro navyo vyagabanutse arongera akamenyesha ko ibiciro bizoguma gihindagurika bikaduga canke bikamanuka bivanye n’uko bizoba vyifashe kw’isoko mpuzamakungu.

Related posts

Reta igiye gutunganya gushasha ivyo mu kugwiza imbuto no kurima kijambere.

Yvan Manager

Brarudi yashize kw’isoko Amstel Bright ikinyobwa gishasha.

Yvan Manager

“Abarimyi ntibihutire gutera” Umushikiranganji ajejwe uburimyi.

Yvan Manager

Leave a Comment