Zidafise Umuce

Angeline Ndayishimiye yitavye inama “Women Deliver 2023 Conference” i Kigali.

Angeline Ndayishimiye yitavye inama ijanye n’uruhara rw’ abakenyezi mw’iterambere “Women Deliver Conference 2023” mu gisagara i Kigali kuruyu munsi wa kabiri igenekerezo rya 18 Mukakaro nkuko twabonye ibiro vy’Umukuru w’ Igihugu rwabishize ahabona. Iyo nama yataguye kuwa 17 Mukakaro ikaba yuguruye icese n’Umukuru w’Igihugu c’Urwanda ikazohera igenekerezo rya 20. Habonetsemwo abakuru b’ibihugu bitandukanye.

Image
Macky Sall prezida wa Sénégal muri Women Deliver 2023 Conference.

Nkuko dukesha amafoto Angeline ari mu nzira nuko yaciye ku mupaka wo mu ntara ya Kirundo k’uruhande rwa Gasenyi na Nemba yakiriwe na Daphrose Gahakwa umuhanuzi mukuru mu biro Jeannette Kagame. Umukuru w’igihugu ca Senegal, Macky Sall ndetse na Perezida wa Ethiopia, Madamu Sahle-Work Zewde nuwa Hungary, Madamu Katalin Novák.

Image
Angeline Ndayishimiye atahutse gutora agashimye.

Ivyo biruko ni mu gihe Angeline Ndayishimiye yatahutse kuruyu wa gatandatu azanye agashimwe yaronkejwe k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kitiriwe Abenegihugu 2023.

Related posts

Afrika y’Epfo: Abantu barenga 70 bahitanywe n’insanganya y’umuriro.

Yvan Manager

AFCON 2023: Uburundi bwirahiye Sudan y’Epfo ku manota 57 kuri 42.

Yvan Manager

Niger watangaje kugiye kuburanisha Prezida Mohamed Bazoum baheruka gutembaza ku butegetsi.

Yvan Manager

Leave a Comment