Imibano

Mpfubusa akora mu bushikiranganji bw’intwaro yasiguriye uko ukuntu akora ubworozi bw’inkwavu.

Abakozi b’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Gihugu, Iterambere Rusangi n’Umutekano, baragize urugendo shure ku rugo rwuwo bakorana Mpubusa Yohani Louis asanzwe ari umworozi w’inkwavu inyuma y’umutaga wo kuwa gatanu igenekerezo rya 3 Gitugutu hasanzwe hahariwe kwinonora imitsi, abo bakozi b’Ubushikiranganji bagihariye igikorwa co kuja kuraba ubuhinga bwo kworora inkwavu. Mpfubusa yataguye ku nkwavu 5 ubu ageze kuzirenga 100,afise imyaka 37.
Aucune description de photo disponible.
Mugihe Reta y’Uburundi yafashe igisata c’uburimyi n’ubworozi nka kimwe mu bisata bikuru bikuru mu kugwanya ubukene no kutuza inzara, abarongozi b’igihugu ntibasiba guhamagarira abarundi bose ngo bakorere mu runani mu kwijukira ivyo bisata kugira ngo “Umunwa wose uronke icufungura, umufuko wose uronke amahera”, biciye mu burimyi n’ubworozi, harimwo n’ubworozi bw’ibitungwa bito bito nk’inkwavu zoroshe kworora kandi zigatanga umwimbu mwishi mumwanya muto.
Muri iyo ntumbero yo kwitabirira ako kamo, abakozi bo mu Bushikiranganji bw’Intwaro yo Hagati mu Gihugu baragize urugendo shure kuri umwe muri bo w’umworozi w’inkwavu, kugira bahakure ubumenyi buzobafasha mu bijanye n’ubworozi bw’inkwavu, aba hagati mu Gisagara ca Bujumbura muri karitiye kabondo yakiranye n’igishika bagenzi we i muhira iwe aho anasanzwe arangurira ubwo bworozi, anagirako abaha insiguro kubibazo vyose bibaza kubijanye n’ico gikorwa c’ubworozi, uhereye kuburaro bwazo, ingene zirondoka, ingaburo zazo n’ingene zibungabungwa amagara.
Aucune description de photo disponible.
Mpfubusa Jean Louis amenyeshako ubworozi bw’inkwavu bwunguka cane, kandi ko butagoye canke ngo buzimbe. Nko kubijanye naho ziba, ntakibanza kinini bisaba, kuko umuntu ashobora kugerekerenya utuzu twazo impande yaho asanzwe abaye. Avuga ko kw’uwipfuza gutangura naho yohera ku nkwavu zitatu (3) inyuma y’amazi make ziba zigwije incuro nyishi. Abandanya amenyeshako uretse inyama, ikwavu zitanga umwavu mwiza cane ku bitegwa, umwavu uva mumaganga yazo, hamwe n’urusato gwazo (ubwoya), ivyo vyose bikaba bigugwa amafranga. Kubijanye n’ingaburo, amenyeshako ahanini zirya ubwatsi, hamwe n’ibindi bipfungugwa vyazo bikorwa mubisigarira vy’impurunguka z’umuceri, ibigori. Nayo kubijanye n’amagara, Jean Louis Mpfubusa avuga ko inkwavu nazonyene nk’ibindi bitungwa zikurikiranwa mu magara yazo, kugira zikure neza kandi zibashe kurondoka neza.
Aucune description de photo disponible.
Iritiro y’amaganga iri hagati y’ibihumbi 5 na 8..
Kubijanye n’ingene isoko ry’ibiva mu nkwavu ryoba ryifashe, Jean Louis Mpfubusa amenyesha ko zaba inyama, umwavu canke umubiri (insato/ubwoya) bafise isoko ryavyo. Ku ntambamyi zimwe zimwe zijanye n’ugukeha kw’imbuto nshasha (Souches) kugira inkwavu ntizibe amacugane, ku masoko y’inyama n’umwavu agoyagoya rimwe na rimwe, ivyo bibazo vyose Reta yarabifashe muminwe, bikaba biriko biratoregwa inyishu yihuta.
Turetse abari baramaze kuja hamwe ngo barangurire hamwe uwo mugambi w’ubworozi, abakozi b’ubwo Bushikiranganji baranyuzwe nuwo mugambi, banigira inama yo kuwushira mu ngiro aho babaye, canke mbere naho bakorera kubo bishoboka, ubona ko hari n’igisata c’abajejwe gufata mumugongo aborozi b’inkwavu, kandi n’uwo mworozi akaba yemereye abakozi bagenzi we ko azobakurikirana abo bose bagiye gutanguza uwo mugambi.
Aucune description de photo disponible.
Uwo mugambi ishirwa mungiro ryawo rikaba riza gusahiriza amikoro y’abakozi ba Reta no kurwanya inzara mu kibano. Iyo niyo mvo ituma abakozi ba Reta eka mbere n’Abarundi bose bahamagarigwa kuwijukira.

Related posts

N’akahe karusho ko kuganira k’ubuhinga bwo kunywanisha urwaruka mu kibano?

Yvan Manager

Gitega: “Birashoboka kw’abakenyezi n’abigeme batera imbere bakoreye murunani”

Yvan Manager

Alice, yavyaye umwana agendana uburwayi bw’ubumuga.

Buja Media

Leave a Comment