Politike

Igihugu ca Somalie cemerewe kwinjira mu muryango wa EAC.

Igihugu ca Somalia waraye winjiye mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC. Kikaba kibaye igihugu kigira 8 cinjiye muri uwo muryango. Salva Kiir Mayardit , Umukuru w’Igihugu wa Sudani y’epfo niwe aramutswa uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko kuva kuri uyu wa 24/11/2023. Akaba agiye kurongora EAC mu kiringo c’umwaka umwe. Asubiriye perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye. Hari mu nama isanzwe igira 23 y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango, yabereye i Arusha mu gihugu ca Tanzania, kuri uyu wa gatanu.
Evariste Ndayishimiye abisikanya na Salva Kiir
Ibirori vyo kubisikanya hagati ya Salva Kiir na Evariste Ndayishimiye yahora arongoye uwo muryango vyabereye i Arusha kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 munyonyo 2023.
Ni inyuma y’inama isanzwe y’abakuru b’ibihugu igira 23 yiga kubibazo vy’ihindagurika ry’ibihe no gufungura neza yariko ibera Aho i Arusha ku magenekerezo ya 23 na 24 munyonyo 2023
Ivyo biruko mu gihe uwo muryango wataguye mu 2009 .

Related posts

Kenya: Abantu 238 bahagaritswe,abapolisi 31 barakomereka mu migumuko.

Yvan Manager

Ibintu bikuru bukuru Prezida Varisito Ndayishimiye yakoze muri CUBA mu nama G77..

Yvan Manager

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Buja Media

Leave a Comment