Politike

Umukuru w’igihugu yuguruye icese urumuri rw’amahoro rugira 17.

Ku civugo :” Mu runani rw’abarundi, tugende turaba Uburundi bwifashe mu 2040″, Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yatanguje icese urugendo rw’urumuri rw’amahoro, ku ncuro igira 17. Ibirori vyataguriye ku kibuga c’umupira umuco mu ntara ya Muyinga. E.Ndayishimiye yahamagariye abarundi guhaguruka bakarwana urugamba rwo kuva mu bukene, avuga ko kugira Uburundi butera imbere bisaba ko bugira indongozi zibona iyo ziriko zirajana abarundi. Urwo rumuri rukaba ruzoca muma komine yose agize igihugu kuva kur’uyu wa 04 Munyonyo kugeza kuwa 19 kigarama mu ntara Makamba ku kibuga bitiriye umuhisi Petero Nkurunziza. Murivyo birori habonetsemwo abandi bategetsi batandukanye bagize reta.

“Uburundi bwacu buzoba ico dushaka ko buba. Ntihagire uwibaza ngo abanyamahanga baratubabaye rwose ku buryo bodukunda kurusha uko bikunda. Nico gituma abarundi bose bokanura kuko ak’i muhana kaza imvura ihise. Ntitwame duteze amaboko kandi Imana yari yaduhaye ibikwiye” -Evariste Ndayishimiye
Biri mw’ijambo umukuru w’igihugu yashikirije ariko aratanguza urugendo rw’urumuri rw’amahoro, kuri uyu wa gatandatu, i Muyinga. Yahamagariye abarundi guhaguruka bakarwana urugamba rwo kuva mu bukene. Aha ariko Evariste Ndayishimiye avuga ko kugira Uburundi butera imbere bisaba ko bugira indongozi zibona iyo ziriko zirajana abarundi.

Umukuru w’Igihugu yatangaje ko urwo rumuri ruzoca mu makomine yose y’Uburundi, rwitwaje ubutumwa bukangurira abenegihugu kwiha ihangiro ry’ibikorwa vy’iterambere rusangi. Nkuko bishikirizwa na Epipode Baranyikwa atwara iryo shirahamwe ry’Intwararumuri amenyesha yuko urwo rugendo rw’amahoro rwataguye mu 2006 inyuma y’amatora yarahejeje kuba mu 2005. Aho bazoca hose bazogenda barakora ibikorwa vy’ukubaka amashure, ibibuga n’izindi nzu baba bariko barubaka kurwengo rw’intwaro.

Ayandi mafoto yico gikorwa

Image

ImageImage

Image

Image

Image

Image
Umukuru w’Igihugu, Buramatari wa Muyinga barikumwe n’uwutwara Intwararumuri.

Image

Image

Image
Umukenguzamateka Emmanuel Sinzohagera atwara Inama Nkenguzamateka.
Image
Mutima yabigize umwuga, gutweza.

Image

Image

Related posts

Ibintu bikuru bukuru Prezida Varisito Ndayishimiye yakoze muri CUBA mu nama G77..

Yvan Manager

Amazina 9 y’abazoserukira Uburundi mu makungu yemejwe n’Inama Nkenguzamateka.

Yvan Manager

Ibihugu 6 vyemerewe kwinjira muri Brics 2024.

Yvan Manager

Leave a Comment