Ubutunzi

Reta igiye gutunganya gushasha ivyo mu kugwiza imbuto no kurima kijambere.

Ubushikiranganji bujejwe uburimyi buvuga ko hagiye gutanguzwa ubuhinga bushasha bwo kugwiza umwimbu biciye mu bigo vy’uburimyi n’ubworozi bwa kijambere. Prosper Dodiko aburongoye yamenyesheje ko mu bigo bigwirizwamwo imbuto bazokoresha abantu bashiramwo uburyo bukwiye ikindi nuko bagiye gutororokanya ibintu vyose vya nkenerwa bituma abarimyi bikorera utwabo boroherwa kugira batangure uburimyi bwa kijambere. Reta ngo izobashigikira mu ntumbero haboneka ibigo biberamwo uburimyi bwa kijambere. Ku bwiwe, amatongo ya reta n’aho kugwiriza imbuto haramaze gutororokanywa ngo hazohabwe abazoshobora gukwiza ivyo reta ibasaba.
Uwo arongoye ubushikiranganji bujejwe uburimyi yongeyeko ko bagiye guhamagara abantu bose bafise ubuhinga n’uburambe mu gutunganya amatongo, kuvomera imirima no gukoresha amamashini yo kurima. Iyandikwa ku bazokorera muri uwo mugambi rizohera ku wa 30 Munyonyo 2023. Hazoca haba umwiherero w’abiyandikishije kugira bige ingene botangura ibikorwa, nk’uko yabandanije abishikiriza.
Hagiye gushingwa iyo ntunganyo izorangurwa mu bice 5 arivyo :
Amashirahamwe yo kugwiza imbuto, ibibanza vy’ukwororeramwo kijambere , ibibanza vyo kurimiramwo kijambere hakoreshwa ubuhinga bwo kuvomera indimo gukoresha imashini hamwe n’ibigo vyo kugwiza ibitungwa kugira mu gihugu habone ibitungwa vy’amaraso mashasha.
Kubera ivyo bikorwa ari ngirakamaro bizofasha Uburundi mu gushika kw’ihangiro 2040 igihugu cifashe. Umushikiranganji Prosper Dodiko atumirira abarundi bafise ubuhinga ntunganyamatongo, gukoresha imashini mu burimyi no kuvomera kandi babifitiye uburyo ngo baze biyandikishe muri iyo ntunganyo batomora igisata bagomba gukoreramwo kandi berekana n’uko babishoboye.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Umushikiranganji asigura ko uwo mugambi wugururiwe abarundi bo hagati mu gihugu hamwe n’abari mu mahanga(Diaspora) basabwa kuba babifitiye uburyo, bakamenya ukuvomerera indimo hamwe no gukoresha imashini zirima ku matongo reta izobaha. Nkuko abishimangira, umushikiranganji avuga ko ikibanza ca mbere kizohabwa abarundi babifisemwo uburambe. Igihe co kwiyandikisha kizohera igenekerezo rya 30 uku kwezi kwa Munyonyo.

Related posts

SOSUMO izotanga amatoni 1500 y’isukari muri Nyakanga 2023.

Yvan Manager

Ibiciro vy’ibitoro vya Essence na Mazout vyagabanutse, Pétrole iraduga.

Yvan Manager

“Abarimyi ntibihutire gutera” Umushikiranganji ajejwe uburimyi.

Yvan Manager

Leave a Comment