IbigezwehoImyidagaduro

Intelligent le Comédien muri Festival Canal Comedy Buja 2023.

«Nataguye kwiyumva yuko fise ingabire yo kuryohera abantu ndabicishije mu kubatwenza kuva nkiri mu mashure matoyi, hari mu gihe wasanga umwigisha asohotse mw’ishure nacanja imbere nk’abatwenza. Muri urya mwanya wo kuririmba mw’ishure mu gihe c’ibibazo bisozera igice (Trimestre) nisanga ndiko ndabatwenza kandi nari namaze kugera ahantu basigaye babisaba haba kubigisha canke abandi biga imbere yanje».

Intelligent le Comédien muri Kigingi Summer Comedy.

Amazina yose ni Dushime Don Divin batazira (Intelligent le Comédien) . afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri (22ans), n’imfura mu muryango, ariko arandika igitabo co guheza amashure ya kaminuza mu gisata c’iterambere ry’igihugu (Dévéloppement Communautaire) kuri kaminuza yitiriwe ibiyaga binini(UGL).

 

Yatangura gukora ivyo gutweza mu 2018, abicishije ku mbunga ngurukana bumenyi (Vidéo). Abantu bo mu kibano  ntibabitahura babibona yuko ariko arasara, ntivyaciye intege, vyatumye bimw’ugururira imiryango atagura gukina imbere y’abanyeshure muri ya misi mikuru yishure ( Kermesse).

Mu 2020 niho yabona umwanya wo kwerekana ingabire yiwe aca ariyandikisha mu nyigisho zari zateguwe n’ikigo ndangamico c’Abafaransa (IFB) bafatanije na Now Creative araronka amahirwe yo kubamwo inyuma y’amajojora barimwo, barenganye ari 14 muri 78 bari bitavye ihiganwa. We n’abagenzibe baciye baronka inyigisho zamaze imisi 10, bazigirishwa n’abahinga mu gutweza harimwo Kigingi na Michael Sengazi mu Burundi, Hérve Kimenyi mu Rwanda na Michel Gohou ( Côte d’Ivoire).

Intelligent le Comédien na Michel Gohou ( Côte d’Ivoire).

Vyamuhaye ayandi mahirwe menshi yo kuja gukina mu giteramo kinini ‘’ Burundi Européenne’’ mu ntumbero yo gutsimbataza ubucuti n’imigenderanire. Muri 2021 vyamwugururiye ayandi mahirwe yo kuronka abamwizera kubatweza baca bamuha amasezerano yo gukina amareresi akurikirana(Série), ntivyatevye gato niho yaciye subira kuronka amahirwe yo kuja mu giteramo bise ‘’Kigingi Summer Comedy ‘’ akina imbere y’abantu bababa ibihumbi 5 bituma atagura kubonako ingabire yiwe ishobora kuzomutunga. Asubira gutumwako mu giteramo “Did You Just Say Sex” categuwe na Michael Sengazi. Yarabandanije kubikora ku giti ciwe abandanya imyimenyerezo.

Mu kiganiro kidasanzwe yahaye insamirizi Buja FM yavuze ko :‘’Muri Ndamukiza uyu mwaka, ndiko ndagira inyigisho turiko turahabwa n’abahinga karuhariwe muvyo gutwenza harimwo Michael Sengazi na Valery Ndongo wo mu gihugu ca Cameroun mu mugambi w’isabukuru Canal Comedy Buja 2023″ ivyo bizoduha ayandi mahirwe menshi yo kuzoboneka ku mboneshakure zitandukanye mu bihugu vyinshi bikoresha ururimi rw’igifaransa n’ahandi’’.

 

Ayandi makuru kubijanye na Canal Comedy : https://bujamedia.com/festival-canal-comedy-buja-2023-iminsi-3-yo-gutwenga-mu-gisagara-ca-bujumbura/

https://bujamedia.com/amashene-mashasha-9-y-igiswahiri-kuri-canal/

 

 

 

Related posts

Uburundi buza imbere mu bwigenge bw’ibinyamakuru mu bihugu vyo muri kano karere.

Yvan Manager

Gabon:Abasirikare bakubise kudeta Ali Bongo amaze imyaka 14 kubutegetsi.

Yvan Manager

Amafoto y’ivyaranze indwi yose mu Burundi.

Yvan Manager

Leave a Comment