Ubutungane

Rumonge: Abanyororo 31 barekuwe ivy’agateganyo.

Abanyororo 31 bararekuwe ivyagateganyo n’umushikiramanza kigenza wa republika hari mu birori vyabereye kw’ibohero rikuru rya Rumonge, amafaranga arenga imiriyaridi 14 niyo reta yageneye gukoresha mu bijanye n’abapfungwa uyu mwaka. Hari kuruyu wa kabiri aho icegera c’umukuru w’igihugu yabivugiye mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umupfungwa, witiriwe Nelson Mandela. 
Image
Prosper Bazombanza yasiguye ko ayo mafaranga ari menshi, yoshobora gukora ibikorwa vy’iterambere mu gihe hoba ata banyororo bahari. Ku bwiwe abona yuko igihugu gifise abapfunzwe benshi gihomba amafaranga n’abakozi bogiteje imbere.
Peut être une image de 7 personnes et estrade
Abanyororo bariko bahabwa uruhusha rwo kuburana ivyagateganyo.
Umushikiranganji w’ubutungane nawe yamenyesheje ko ubu abapfungwa bari mu gihugu cose bashika ibihumbi 12. Muri abo ngo abafise imyaka yo gukora barenga 53 kw’ijana.
Ku bw’ivyo, umushikiranganji Domine Banyankimbona hamwe na Prosper Bazombanza, icegera c’umukuru w’igihugu, basaba ko amategeko akurikizwa, hashirwe imbere ibihano vyo gukora ibikorwa vy’inyungu rusangi. Babona ko igihano c’umunyororo coba mu gihe ata yindi nyishu ihari.

Related posts

Mpimba: Abanyororo 293 bararekuwe.

Yvan Manager

Ihadabu ry’imiliyoni 10, sentare yaciriye umugore yabenze uwamurihiye kaminuza mu Buganda.

Yvan Manager

Umushikirizamanza mukuru wa republika aremeza ko Dieudonné Murengerantwari yahagaritswe.

Yvan Manager

Leave a Comment