Ubutungane

Mpimba: Abanyororo 293 bararekuwe.

Abanyororo 293 bo mw’ibohero rya Mpimba baratashe, 93 bigejeje neza kandi bamaze gukwiza ica kane c’umunyororo baciriwe, 200 bafise ivyaha bito bito bararekuwe ivy’ifatakibanza hari mu rugendo umushikiranganji w’ ubutungane ari kumwe n’umushikirizamanza mukuru n’ abarongoye ama sentare atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura bari bagendeye iyo bohoye kugira bahimbaze umusi mukuru wahariwe agateka k’abakenyezi hari igenekerezo rya 16 Ntwarante 2023.

Audace Ndikumana yagirizwa kwiba akoresheje amayeri.

Muri urwo rugendo bakoze muriryo bohero kabaye n’ akaryo ko gusuzuma ibihuha vyaciye ku mbuga ngurukanabumenyi vyavuga ko umufungwa Audace Ndikumana afungiwe ahantu hameze nabi ariko basanze arara mu cumba gitunganijwe neza kandi cagutse. Audace yagirizwa kwiba akoresheje amayeri, bamutandukanije n’ abandi kuko basanze abandanya gukora ubwo busuma no mw’ibohero.

Umushikiranganji w’Ubutungane atanga uruhusha rwo gusohoka ibohero.

Haribonekeza intambamyi nyinshi cane cane zimwe zivuye ku bwinshi bw’abanyororo bugatuma batoroherwa kubunguruza iyo bagiye kuburana, kubavuza canke kubafungurira hamwe no gusanura ibi na biriya kubera amabohero yose ashaje yubatswe ku ntwaro y’abakoroni. Abanyororo barahabwa inyigisho mu kubigisha imirimo itandukanye kugira bazogire ico bimarira bamaze gushika iwabo.

Umushikiranganji w’Ubutungane atanga agakemanyi.

Umushukiranganji Domine Banyankimbona, yaratanze agakemanyi kubakenyezi bafungiwe muriyo bohero na rirya turi mu kwezi kw’abagenewe karimwo ivyo bafungura, impunzu n’ibindi bikoresho.

Abari mu mabohero mu gihugu barenga ibihumbi 12 muri abo harimwo abakenyezi 919, nayo ibohero rikuru rya Mpimba ryonyene ririmwo abanyororo 4.546 muri abo abakanyezi bangana 254 hamwe n’abana 25.

Related posts

Umushikirizamanza mukuru wa republika aremeza ko Dieudonné Murengerantwari yahagaritswe.

Yvan Manager

Rumonge: Abanyororo 31 barekuwe ivy’agateganyo.

Yvan Manager

Ihadabu ry’imiliyoni 10, sentare yaciriye umugore yabenze uwamurihiye kaminuza mu Buganda.

Yvan Manager

Leave a Comment