Inkino

Abakunzi b’Intamba bagize ico bavuga inyuma yo gutsindwa na Cameroun.

Abakunzi b’umupira wa maguru bagize ico bashikiriza babicishije ku kiyago kidasazwe bakoze biciye ku muhora gurukanobumenyi wo kuganirirako “Space” ku Rubuga rwa Tweet kubijanye n’intamba mu Rugumba zatakaje urukino rwabo igenekerezo rya 12 Nyakanga bahura n’igihugu ca Cameroun. Uburundi butakaza amanota 3. Batsinzwe ibitsindo 3 kubusa. Bamwe bakabona yuko hari agahaze nk’akarorero SANGWA Partick icegera c’umumenyereza mukuru hamwe na Valery Nahayo ajejwe kuraba imikenyuro y’abakeba akoresheje amasanamu basezeye mu mabanga yo kumenyereza umugwi nserukiragihugu. abandi babona bukeye bwayo hari mafasha abamenyereza baratanze imihoro. Bamwe bakabonako hoba hari ukutabona ibintu kumwe  na Etienne Ndayiragije umumenyereza mukuru.

Image
“Intamba mu Rugamba” Umurwi nserukiragihugu c’Uburundi

Amwe mu majambo banditse naya akurikira:

1/ “Hakwiye kuba une Campagne de sensibilisation ikozwe na Leta (Ministère) muma entreprises yose akorera mu Burundi kugira afashe imirwi. Ntibibe nkitegeko muga bibe nkokubibasaba. Ama Clubs aronke uburyo hama ama Clubs menshi asabwe nkitegeko gushinga ama academies des jeunes”. Willy Ndabaniwe aba mu gihugu ca Sueeden

2/ “Kubwanje Intamba zizokomera cane zikomejwe nama Clubs ya chamoionnat national. Renfort yabavuye hanze izoza yongereza inguvu na experience ariko de grâce, nukubanza gukomeza les Clubs. Zironke imfashanyo, zigire leurs academies des jeunes hama Intamba ikuremwo urwaruka rukenewe.”

3/”Intamba barafise ikibazo gikomeye co gumahagara abakinyi bafatiy kumazina gusa bivanye nivyo bakoze muri kahise.umukinyi bakwiye kumenya ko asaza barakwiy kugirira confiance aba jeunes kurya ibindi bihugu babigenza.Cameroun barasize nicolas nkoulou bahamagara wooh wa 19ans”

4/ “Bahamagara abakinyi badafatiye kuri performances actuelles ziwe.harigihe umunti yibaza ko harabakinyi boba batanga ibiturire kugira bakine.ikindi il faut ko umwe wese amenya responsabilité yiwe.mutima constantin namubonye umenga ariko akora role yumu entraineur adjoint”.

Image

5/ “Le coach en question sikibazo, la question iri muri organisation. Discipline et autorité ihabwa umu coach. Normalement le coach niwe yokwitoreye abamufasha.. kugira son entourage babe bafise a common vision sinon ntibizokunda ko dutera imbere.” Ndayizeye.

6/ Jimmy Blaise Irumva: “Mbega kubona Staff Technique yari ntoyi igizwe n’abantu bake, ubwo nticoba kiri muvyatumye irya zuguru zuguru iba?”
7/” Nabifatiye kure mugabo icerekeye gikwirikirana intamba au niveau ya préparation mentale, psychologique et nutritionelle hari co bagikorako. Ikibanza baha médecine du sport murivyo vyose iragaragara?” Eddy Mbona.
Mwomenya yuko inyuma y’umuhigamo kuruyu wa gatanu,abo bakinyi batashe bashitse mu gihugu ariko hari umurwi w’abatarinze guca ngaha bagirako mu mirwi barimwo.

Related posts

Primus Ligue Burundi: Ku musi ugira 23, ryasozerewe gute?

Yvan Manager

Urukino rushasha rw’ abagendana ubumuga mu Burundi.

Yvan Manager

Umugwi wa Interstar ubaye umugwi wa mbere mu Burundi ugiye kumenyerezwa n’umupfasoni

Yvan Manager

Leave a Comment