Imyidagaduro

Ndirabika Augustin imboneza ku baririmvyi buno munsi.

Umuririmvyi Ndirabika Augustin yavukiye muri komine Bweru y’Intara ya Ruyigi mu mwaka w’1949 kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu amashuri mato mato yayize Murusengo, abandaniriza i Mutumba aho yize ibijanye n’ ivyubwibutsamana n’umuziki nyene Ndirabika Augustin asubiriye iwabo  muntara ya Ruyigi yarigishije icirwa c’umuziki, kuntwaro ya Micombero yaragomwe n’Umukuru w’Igihugu w’icogihe kubera ukuntu yandika amajambo y’ inkoramutima niho bamugomwa baca bamutwara gukarisha Ubwenge muvyo gukunda Igihugu n’umuziki nyene mugihugu c’Uburusiya agarutse yashitse ahabwa akazi mugoro y’Umugambwe Uprona yahuriye n’abaririmvyi bakomeye bicogihe nka Leonce NGABO, SHUNGURA Pancrace, Kirundo GÉRARD n’abandi arinabo bahavuye bafashanya mugutanguza Orchestre nationale yambere yari irongowe na Monseigneur Justin BARANSANANIKIYE .

Ndirabika Augustin arazwi cane mubaririmvyi bandika neza cane ikirundi akoresheje amajambo nkoramutima y’ugukunda Igihugu.

Ndirabika Augustin rero kandi ico benshi bamuvugako mukazi k’umuziki n’uko yagomwa n’abakuru b’ibihugu bose baza barabisanya kubutegetsi, kuntwaro ya Bagaza niho Ndirabika Augustin yatangura kuririmba Indirimbo kugatwe kiwe (carrière Solo) Aho rero yasohora indirimbo nka MWANANJE NTUNANIRWE , MARIE CHANTAL, EREGA DAWE URI UMUGABO , INTUNTU YONYICA N’izindi. Ico Abaririmvyi b’Ubu bomwigirako ahanini n’Ugukora Indirimbo zanditse Neza kandi zidata igihe.

Ndirabika Augustin yitavye Imana kw’Igenekezo rya 2 Mukakaro 2001 Akaba yasize Umugore Umwe n’Abana batanu.

Related posts

AMAZI WATER: Bateguye ikarashishi ku munsi mpuzamakungu wahariwe amazi.

Yvan Manager

“Festival Canal Comedy Buja 2023” : Iminsi 3 yo gutwenga mu gisagara ca Bujumbura.

Yvan Manager

Umukuru w’Igihugu yuguruye indwi yahariwe abarundi baba mu makungu.

Yvan Manager

Leave a Comment