Inkino

Ihiganwa rya Rallye ryarahagaze inyuma y’urupfu rw’umwe mubakinyi bawo.

GIESEN Jean Pascal Umubirigi yirukira “Auto paints” yaritavye Imana ahejeje urugendo rwiwe rwa mbere rw’ihiganwa kw’ibarabara Ruvubu (Mayaka) Mugera Ntunda. Ahejeje igice ca mbere, yavuye mu modoka amerewe nabi baca bamujana kwa muganga ku bitaro mpuzantara vya Gitega ari naho yacikaniye
Uretseko yigeze kumera nkuwutaye inzira gato imodoka yiwe ayikubita mu kinogo hama araheza arabandanya ihiganwa, ntarindi sanganya rindi yigeze agira gushika aheze urwo rugendo.
Peut être une image de texte
Abategua iryo higanwa baciye basohora itangazo rivuga ibijanye niryo sanganya baca batora uwo murwi yakinira, uba uwa mbere. Ivyo tubisanga mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ritunganya ayo mahiganwa

 Iryo shirahamwe rikamenyesha ko nyakwigendera Jean Jean Giesen n’uwo barikumwe Yunus Mohamed mu mugwi “Autopaints Savonor Rally Team” aribo baritsindiye. Abagendesha imodoka 11 bakaba aribo bari bategekanijwe guhiganwa.
Giesen Jean Pascal, yari umwe mu bakinyi benshi ba kera bamenyekanye mu Burundi mw’ihiganwa ryo gusiganwa n’imiduga.
Abakunzi b’uwo mukino, abenegihugu bari bafashe ingendo baza kurorera barangije mu mubabaro ntangere.
Buja FM irahojeje umuryango wabuze ndetse n’ishirahamwe rijejwe amahiganwa y’imiduga mu Burundi.

Related posts

Ancelotti ava muri Real Madrid aja gutwara umugwi w’igihugu ca Brésil.

Buja Media

Bamwe mu bakinyi b’Intamba mu Rugamba bamaze gushika muri Cameroun

Buja Media

Intamba mu Rugamba na Gambie biza guhera gute?

Buja Media

Leave a Comment