IbigezwehoImboneshakure

Yasibijwe ku kanyuma ariko Ingoma yiwe irurira indenge.

Rurerekana Lazare umuhinga mvabwenge wo mu Gisagara ca Gitega ashushanya ibitandukanye mu giti, aragaragaza akababaro afise kuba ataronse amahirwe yo kuja i Qatar mw’ihayanishwa mpuzamakungu rizoba kuri uyu wa 3/10/2023, aho avugako ku munsi wa kane ari naho abatowe guserukira Uburundi muri iryo hayanishwa yarimwo burira indege, nawe abwirwako VISA yiwe itashoboye kuboneka kandi yari ku rutonde rw’abazogenda, aranahabwa inzandiko zerekanako yemerewe ko azogenda, ngo ku munota wanyuma yarasibijwe.
Peut être une image de 1 personne et texte
Lazare avugako yababajwe no kubona ingoma yakoze, abisabwe n’abo mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imicokama ifise agaciro k’amafaranga y’amadorari 100 000, igenda yonyene nawe agasigara. Lasare ati: «Birababaje, ibi bintu vyacu biragoye gusigura utabikoze».
Mugihe yagaragaza ako kababaro Sebarundi amugendeye aho yashize bimwe muvyo ahingura, Umukuru w’Igihugu yaciye asaba Albert Nshingiro, Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, kumuronderera vyihuta ivyankenerwa kugira uwo muhinga mvambwenge aherekeze ingoma yiwe iza yaramaze kugenda imbere.
Peut être une image de 6 personnes, estrade et texte
Lazare akaba ashima bimwe biboneka ukuntu Sebarundi yitwararika ibijanye n’ubuhinga mvabwenge, akamenyeshako mu gihe bishigikiwe, ari kimwe muvyoteza imbere uburundi n’abarundi mukuzana y’amafaranga y’agaciro no kubumenyekanisha. Iyi nkuru tuyikesha ibiro bijejwe gutanga amakuru mu ntara ya Gitega.
Uwo Lazare mwomenyako n’Umukuru w’igihugu amaze kuja kumugendera muhira iwe kwirabira ivyo bikorwa vyiwe biteye igomwe.
Mubagiye guserukira Uburundi i Qatar , mwomenyako harimwo Umugwi w’abatimbo bo mu Gishora mu ntara ya Gitega, mu kigabiro kwa Mwezigisabo iwabo w’Ingoma mu Gishora.

Related posts

E. Ndayishimiye yahaye umubonano Umunyamabanga Mukuru wa ONU imbere yuko inama igira 11 itangura.

Yvan Manager

Etienne Ndayiragije, atsinzwe urukino rwa mbere mu Ntamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Tanzaniya: Ugusubiza hamwe kw’abatavuga rumwe na reta nivyo Samia Saluhu yubakiyeko.

Yvan Manager

Leave a Comment