Umutekano

Umukuru w’Igihugu yahojeje abahuye n’imvura y’isegenya yahitanye abantu n’ibintu.

Umukuru w’Igihugu yahojeje imiryango yabuze ababo hamwe n’abakomeretse mu mvura yaguye kuruyu w’Imana igenekerezo rya 15 Gitugutu muri komine Kibago iri mu ntara ya Makamba, haguye isegenya y’imvura yonona urushengero rwa Pentekote ruri ku musozi Kiyango rwaguye biturutse ku mvura nyinshi ivanze n’umuyaga hapfamwo bane hakomereka 15 hasambuka ibirasi 8 vy’amashure, amashengero 3  amazu 39, abantu bashika 100 nibo badafise aho baba nkuko ivyo bitigiri vyemezwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo umutekano.

Kurubuga rwa X rwahoze ari Tweet, Umukuru w’Igihugu yacishizeko ubutumwa bwo guhoza abahuye niyo mpanuka y’isanganya yanditse uku: “Twakiranye umubabaro inkuru y’imvura y’isegenya yaguye kuruno munsi mu ntara ya Makamba, muri komine Kibago igahitana amashengero,amazu.amashure n’imirima. Turahojeje cane imiryango yabuze ababo,abakomeretse tubipfurije gukira vuba. Imana izigame n’Abarundi”.Petero Nkurukiye amenyessha yuko hari izindi nyubakwa zasambutse harimwo amazu yo kudandarizamwo 14 yagurutse ibisakaz, inyubakwa y’ibitaro iri kwivuriro rito rya Kiyange hamwe n’umurima w’ibitoke n’imyumbati ungana n’amahegitare 21 yononywe niyo mvura.

Mwomenya yuko inzego zitadukanye z’igihugu zagiye zatanze ubutumwa bwo guhoza abenegihugu bahuye niyo segenya hatibagiwemwo abarongoye imigambwe bagasaba yuko abarundi bose babishoboye kugarukira kubahuye nivyo vyago

Related posts

Ngozi: Abagendesha ama Pikipiki na Tuktuk bagiye gukora amasaha 24 kuri 24.

Yvan Manager

Amasaha y’imiziki bavuza mubunywero akwiye kwubahirizwa.

Yvan Manager

Ndahabonyimana Nicodème yarahagaritswe gutwara komine Mabayi.

Yvan Manager

Leave a Comment