Umutekano

Zéphyrin Maniratanga nta facebook akoresha: “Abariko bakoresha izina ryanje, bariko barabiba, sijewe”

Ubusuma bumaze igihe buriko burakorwa n’abantu biyitirira amazina y’abantu bakomeye mu gihugu ku mbunga ngurukana bumenyi babesha abantu kugira babibe bakoresheje uruyeri ivyo nivyo bimaze igihe vyibonekeza nk’akarorero Zéphyrin Maniratanga yabwiye Buja FM yuko hari abantu bariko bakoresha imbunga ngurukana bumenyi nka facebook n’ibindi ko ata facebook akoresha.

Natwe abasuma bakoresha uruyeri rwinshi babaje kugusaba ubugenzi bakagusaba mahera bavuga ko bakuronderera Visa, Zéphyrin Maniratanga ati: ”Nashaka kubamenyesha ko hari umuntu ariko akoresha izina rya Ambassadeur Zéphyrin Maniratanga mu kubesha abantu akoresheje Facebook n’ibindi. Bamwe akabasaba ubugenzi, akababwira ngo bamuhe amahera abaronderere Visa, abandi nabo akababwira ko yaronse ingorane atari yiteze ko akeneye ko bamukopesha amahera vyihuta vuba”.

Zéphyrin Maniratanga avuga yuko abo bagizi ba nabi mu kwiba bamwiyitirira bakoresha amafoto yiwe ariko bakanyegeza ijwi:

“Hari n’ubundi bubeshi bwinshi akoresha mu kubesha. Yerekana amafoto yiwe akanyegeza ijwi ryiwe kugira abantu ntibamenye ko ariko ararondera kubasahura.”

Ivyo bintu bimaze igihe biriko biraba aho hari abantu bamaze kwibwa mur’ubwo buryo.

Zéphyrin Maniratanga arasaba yuko abaza kubona ubwo butumwa bobukwiragiza mu ma gurupe yose barimwo.

Related posts

Rusasuma igira 4: Bikuru bikuru vyerekana itandukanye n’izimaze kuba.

Yvan Manager

Amasaha y’imiziki bavuza mubunywero akwiye kwubahirizwa.

Yvan Manager

Abasitanteri 3 bahagaritswe mu mabanga.

Yvan Manager

Leave a Comment