IbigezwehoMuburundi

Imiduga ikoresha umuyagankuba izokwunguruza abantu iriko irashikanwa ku bwinshi mu gisagara ca Bujumbura

Imiduga ikoresha umuyagankuba izokwunguruza abantu iriko irashikanwa ku bwinshi mu gisagara ca Bujumbura

Haraheze minsi hahererekanywa amasanumu ku mbuga hwaniro yerekana ibiduga bipakiye amabisi maremare ashobora kwunguruza abantu nka 50 canke barenga !

Amakuru dufise yemeza ko izo ngendeshwa ari “Rusangi” zije gufasha igisata co gutwara abantu narirya haguma hibonekeza ubukene bw’igitoro. Bimwe mu bibanza twazibonyemwo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 gitugutu aho ziparitse, bisi zishika 11. Ariko ngo n’izindi zibandanya gushika

Nayo ku kibazo co gushariza iyo miduga, hari amakuru avuga ko hoba haranateguwe ikibanza kigiye kwubakwamwo aho zizoja zirongerereza umuyagankuba (station de recharge) mu buraruko bw’igisagara. Ikaba ije kwiyongera ku yindi ihasanzwe iri hambavu y’ibitaro ‘Kira’ kw’ibarabara rija mu Rumonge, n’iyindi migambi y’abikorera utwabo muri wa mugambi wo kurwiza ingendeshwa zikoreshwa n’umuyagankuba

Ikindi kintu kidasanzwe kuri izo bus ni uko hategekanijwe gukoresha ubuhinga bugenzweho mu kuriha. Bimwe vyo gushwana na convoyeur ngo ntiwansubije ijana, ngo iyi noti irashaje … muvyibagire. Ngo ushobora kurihisha ikarata yawe ya banki ku cuma co kuri uwo muduga maze nako kakagukata amafaranga ahuriranye n’igiciro c’urugendo wagize

Naho iyo miduga itaratangura gukora, abayibona babona ko itanga icizere c’uko ingorane ziri mu gisata co kwiyunguruza zishobora kugabanuka iyo miduga niyatangura kuja mw’ibarabara

Mwomenyako gushika ubu hibonekeza cane bisi imwe rudende ikoresha umuyagankuba. Hari abiyinguruza baja za Mirango -Kanyoni-Mutakura n’ahandi baramaze kuyigiramwo, bavuga ko inanyaruka!

Related posts

Burundi: Abayisilamu bahimbaje umunsi mukuru wa Eid el Fitri.

Buja Media

NANI MKHANI TOURNAMENT: Remesha 67-55 Urunani muri Final.

Buja Media

Muso Sugar muri Primus League Burundi.

Buja Media

Leave a Comment