ImibanoMuburundi

Amafaranga 61.773 BIF niyo umwenegihugu wese azoriha ku buringanire bwa metero kwadarato imwe y’ibarabara ry’ipave

Amafaranga 61.773 BIF niyo umwenegihugu wese azoriha ku buringanire bwa metero kwadarato imwe y’ibarabara ry’ipave

Vyashikirijwe n’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo w’inyubako, Égide Nijimbere kuri uyu wa 29 Nyakanga 2026.

Nijimbere, amenyesha ko umwenegihugu wese afise inzu canke itongo rishika ahazoshirwa ibarabara ry’ipave azoriha ayo mafaranga nk’intererano kugira ibikorwa bigende neza.

Yabandanije avuga ko Reta izofasha mu kwubaka imifurege n ibiraro kur’ayo mabarabara. Nayo uburyo buzokwegeranywa, Umushukiranganji w’inyubako n’ibikoresho yamenyesheje ko hazoshirwaho umugwi (ComitĂ©)muri buri Quartier uzoba ujejwe gukurikirana ubwo buryo Kandi ko hazoba hari compte yegukira Quartier izoshirwako ayo mafaranga y’ibikorwa.

Uwo Mushikiranganji w’inyubako n’ibikoresho yarangije amenyesha ko buri komine ibwirizwa gutanga urutonde rw’amabarabara azotangurirwako.

Mwomenya ko buri barabara ryo gushiramwo amabuye(PavĂ©)ribwirizwa kuzoba rifise uburebure bw’imetero amajana atatu(300m) canke zirenga,kandi ibikorwa bikaba bitegekanijwe gutangura muri Munyonyo uyu mwaka turimwo.

Mwomenya ko buri barabara ryo gushiramwo amabuye(PavĂ©) ribwirizwa kuzoba rifise uburebure bw’imetero amajana atatu(300m) canke zirenga,kandi ibikorwa bikaba bitegekanijwe gutangura muri Munyonyo uyu mwaka turimwo.

Related posts

Ubuserukizi bw’Ubuganda mu Burundi bwarashimye intambwe y’abanyeshure b’abarundi bize muri ico gihugu.

Buja Media

Miss Burundi 2025: Amazina 10 y’abatowe muri Butanyerera yamenyekanye.

Buja Media

Musenyeri Emmanuel Sinzohagera yimikwa.

Buja Media

Leave a Comment