Mumahanga

Umurwi Hamas uvugako wishe umusirikare akomeye wa Isirayeli.

Mu ntambara ziriko ziraba mu bihugu vya Isirayeli na Palestine zimaze indwi irenga zigahitana abantu n’ibintu bitari bike, kuru wa kabiri, umurwi Hamas wamenyesheje ko umwe mu bayobozi bakomeye bawo Ayman Nofal, “Abu Ahmad”, umunywanyi w’inama nkuru ya gisirikare, akongera akaba umusirikare mukuru ayoboye ishami rya gisirikare ryawo, AL-Qassam Brigades yoba yishwe mu gice kiri hagati mu ntara ya Gaza.mu gitero c’indege y’ingwano ya Isirayeri mu ntara ya Gaza.

Bamwe mu bagize umurwi wa Hamas
Bamwe mu bagize umurwi wa Hamas.

Nkuko ayo makuru tuyakesha itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufa ansa AFP, ibivuga ntaho bataronse amakuru yose yemeza urupfu rwuyo musirikare nkuko igisirikare ca Isirayeri kitavyemera buno nyene iyicwa ryiwe nkuko umurwi Hamas wabitangaje. Nkuko bivugwa n’abategetsi ku mpande zose batangaje ko abantu barenga 1.400 bishwe muri Israyeri, abandi barenga 2.700 barahasiga ubuzima mu ntara ya Gaza.

Ivyo biruko mu gihe Isirayeri yakuye benshi mu banyagihugu bayo baba ku rubibe ihana na Gaza mu gihe ingwano hagati yayo n’umurwi Hamas ibandanya bikaba bitashobokeye Abanyapalestina imiliyoni 2 n’ibihumbi 400 baba mu ntara ya Gaza kuva muri iyo ntara ya Palesitina.

 

Related posts

Ubutegetsi bwa Niger bwategetse gukoresha inguvu kugira bwirukanwe ambasaderi w’Ubufaransa.

Yvan Manager

Ruto yipfuzako Abanyafrika bokwinjira muri Kenya batarinze gusabwa Visa mu 2024

Yvan Manager

RDC : BASABA UMUKURU W’IGIHUGU GUSHIRA IMBERE IBIGANIRO

Buja Media

Leave a Comment