Umutekano

Amasaha y’imiziki bavuza mubunywero akwiye kwubahirizwa.

Kuva ku munsi wa mbere gushika ku wa kane, ubunywero bwemerewe kuvuza gusa utuziki tworoshe (musiques douces) gushika isaha zine z’ijoro. Mu minsi irangiza indwi (week-end), abafise ubunywero baremerewe kuvuza umuziki ushushe kandi cane ariko ntibarenze igihe c’isaha zitanu z’ijoro. Izo ngingo ntiziraba abafise inyubakwa zidasohora amajwi (salles insonorisées) co kimwe n’abari ku kiyaga hategereye imihana (plages)
Peut être une image de 5 personnes et estrade
Ivyo ni ivyaraye bipfundikiwe mu nama umukuru w’igisagara ca Bujumbura ari kumwe n’abajejwe intwaro n’umutekano baraye bagiranye, kuri uyu wa 14 myandagaro, na bene ubunywero.
Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura ,avuga ko ivyo bipfunditswe kubera ko bimaze kuboneka ko hari abavuza imiziki cane bikabuza amahoro abashaka kwiruhukira.
Peut être une image de 1 personne, estrade, salle de presse et texte
Rénovat Sindayihebura arongoye komine ya Mukaza.
Rénovat Sindayihebura arongoye komine ya Mukaza amenyesha ko adahengeshanya kwakira amaterefone y’abamuhamagara bamutura ikibazo c’uko vyanse ko baryama kubera imiziki y’ububare bubegereye.
Umwe mu bafise akabare mu Ngagara ya 2 we abona ko ivyo vyose biva kukudahana. Agira ati :”Jewe simbona ko ivyo vyari bikwiye kudufata umwanya tubivugako. Ntihenze ingingo zarigeze gufatwa, amasaha arashingwa . Amategeko ahana abo babangamira uburenganzira bw’ abandi aratomoye, none habura iki ngo bahanwe ?”

Related posts

Umushikiranganji wa mbere yasavye umwenegihugu wese ahari kudoma urutoke inkozi z’ikibi.

Yvan Manager

Kamenge: 3 bakomeretse mw’isanganya ry’umuriro wadutse ahadandarizwa i Matera..

Yvan Manager

Abasitanteri 3 bahagaritswe mu mabanga.

Yvan Manager

Leave a Comment