Imyidagaduro

Umukuru w’Igihugu yuguruye indwi yahariwe abarundi baba mu makungu.

Umukuru w’ Igihugu yuguruye indwi yahariwe abarundi baba mu makungu mu ntara ya Gitega, yataguye igenekerezo rya 17 gushika 19 Myandagaro 2023 ku civugo: “Abarundi dukorera mu mahanga turikumwe n’indongozi z’igihugu cacu tugire urunani rw’intamenwa duteze imbere igihugu catwibarutse.”

Abitavye indwi yahariwe abarundi baba mu makungu.

Mu majambo yashikirije Evariste Ndayishimiye Umukuru w’Igihugu ahamagariye abari bitavye iyo ndwi kwerekana ivyo bize bakabishira mu ngiro, yatanze akarorero kabafise impapuro z’umutsindo bize ivy’amahinguriro: “Ba sokuru bari bafise ubumenyi bakicurira ivyuma, bakibazira amasekuro n’ibindi ariko hari abantu bize ivy’amahinguriro batariko barerekana ikintu nakimwe mu vyo bize. Ukaba wiga urondera urupapuro rw’umutsindo umenye ko ataco uriko urakora. Umuntu wese yize arondera urupapuro rw’umutsindo ni ba barundi bazifise ariko atakintu nakimwe bariko barazikoresha. Umuntu wese akwiye kwiga arondera ubumenyi kugira azobukoreshe”

 

Related posts

Primusic: Ikirangaminsi uko ihiganwa rizogenda riba mu gihugu cose.

Yvan Manager

Umuririmvyi Saïdi Brazza yitavye Imana.

Yvan Manager

Intelligent le Comédien muri Festival Canal Comedy Buja 2023.

Yvan Manager

Leave a Comment