Imyidagaduro

Indirimbo 10 zamenyekanye zatowe mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’isabukuru Iziko.

Mw’ihiganwa ry’isabukuru bise Iziko ihayagiza ubwiza bw’ igihugu c’Uburundi, hagiye ahabona indirimbo 10 zivuga neza ubwiza bw’igihugu cacu mu ntumbero yo gutezimbere igisata ca bamukerarugendo biciye mu gutezimbere imico,imigenzo hamwe n’ururimi rw’ikirundi rw’iwacu. Iryo higanwa rizoba kuri uyu wa gatandatu itari 30 Nyakanga 2023 isaha cumi nimwe z’umuhingamo kuri MuséeVivant mu gisagara ca Bujumbura. Indirimbo 3 za mbere arizo zizoronka agashimwe kagizwe n’ibahasha.
Izo ndirimbo zashoboye gushika mu gice canyuma ni :
1/ Burundi ya Peace And Love
2/ Nyakabiga ya Yoya Jamal
3/ Burundi ya Troupe AMAGABA
4/Iwacu ya Bernice The Bel
5/ Come And See ya Esther Nish
6/Nuve mu Mahanga ya Yves Kami
7/Vuga Ikirundi ya Pablo-Tiken
8/Ingoma z’Iwacu ya B Face
9/Gihugu canje ya Pajos-Burundi
10/ Burundi Buhire ya Les Jumeaux-Music.
Muriryo hianwa hazoba harimwo intambo zijanye n’intara 5 ziheruka gushirwaho ,aho twovuga nka :
1/Agasimbo :Intambo yo mu bumanuko bw’igihugu
2/Intore :Intambo yo Mu buraruko bw’igihugu
3/Urwedengwe :Intambo yo mu buseruko bw’igihugu
4/Ingoma :Hagati mu gihugu
5/ Akanyarusizi :Intambo yo mu burengero bw’igihugu.
Umwe bategura iyo sabukuru ashikiriza yuko izotuma ikaburira abavyeyi gukundisha abana akaranga k’igihugu c’uburundi, abavyeyi bongere bigishe abana ibisokozo ,imigani ya basokuru ndetse bamenye ibibanza vy’iratiro bicaye iruhande y’iziko nkuko kera vyari biri.

Related posts

Ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru bwatanze ibikoresho kubinyamakuru.

Yvan Manager

Insiguro, inkomoko n’imico y’abantu bafise aya mazina.

Yvan Manager

Abaririmvyi 3 bazoja muri Caravane Eco-Touristique yateguwe na Map Tours &Travels LTD.

Yvan Manager

Leave a Comment