Umutekano

Abasitanteri 3 bahagaritswe mu mabanga.

Ukutitwara neza mw’ikurikiranwa ry’ibidandazwa vyagenewe abanyagihugu mu gace yari arangoye nivyo birengo vyatumye Rénovat Sindayihebura yari musitanteri wa komine Mukaza iri mu gisagara ca muri Meri ya Bujumbura yahagarikwa murayo mabanga arikumwe na Nsavyimana Dismas wo muri Komine Busoni hamwe Nyandwi Gilbert yari musitanteri wa komine Kayanza hari kuruyu wa mbere igenerekrezo rya 28 Myandagaro nkuko benshi babibonye ku mbuga gurukana bumenyi mu masaha y’umuhigamo.
Peut être une image de talon de billet et texte
Ingingo y’umushikiranganji ihagarika mu mabanga Musitanteri wa Mukaza.
Mw’ikete Martin Niteretse, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano yateyeko umukono kuri uyu wa 28 myandagaro 2023 rihagarika mu mabanga abo bategetsi, yamenyesheje ko bamwe bahowe gutunganya nabi amakomine , abandi kudakurikirana neza ibijanye n’ibidandazwa vya nkenerwa hamwe no kutubaha amategeko y’ababakurira, n’ibindi.
Peut être une image de 2 personnes, estrade et texte qui dit ’King 6E NSAVYIMANA Dismas’
Nsavyimana Dismas mustanteri wa komine Busoni.
Nsavyimana Dismas wa Busoni mu ntara ya Kirundo co kimwe na Rénovat Sindayihebura wa #Mukaza bari bamaze iminsi bavurwa mw’inyuruzwa ry’isukari yari igenewe abenegihugu,. Musitanteri wa Mukaza wenyene yagirijwe kwiba itoni 15.

Related posts

Zéphyrin Maniratanga nta facebook akoresha: “Abariko bakoresha izina ryanje, bariko barabiba, sijewe”

Yvan Manager

BURUNDI: Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ibiza n’isibe, ku ncuro ya 14.

Buja Media

Umukuru w’Igihugu yahojeje abahuye n’imvura y’isegenya yahitanye abantu n’ibintu.

Yvan Manager

Leave a Comment