Umukuru w’igihugu c’uburundi kandi akaba umukuru w’umuryango wa Afurika yunze ubumwe (UA), Evariste Ndayishimiye, kuri uno wa gatandatu yaritavye inama y’ibihugu vyashinze AUDA-NEPAD, ikigo ca Afurika kijejwe iterambere n’ishirwaho ry’ugufatanya gushasha mu guteza imbere Afurika. Iyo nama yabaye mu kwibuka imyaka 25 NEPAD imaze ishinzwe.
Mu mabanga yiwe yo kuba Umukuru wa UA, Evariste Ndayishimiye yashimangiye ko amahoro, umutekano n’iterambere bidashobora gutandukanywa.
Yavuze ati: “Amahoro arama ategerezwa kujana no gusubiza hamwe ibihugu, guteza imbere ubutunzi, gushira abantu bose mu bikorwa vy’igihugu no kuremera urwaruka uburyo bwo kwiteza imbere.”
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yongeye kuvuga ko imyaka 25 ya NEPAD ikwiye kuba intango y’ikiringo gishasha, aho Afurika:
izokwiyungunganya mu gutera iteka imigambi yayo, ikoreshe neza ubutunzi n’amatungo ifise, irema akazi ku banyafrika, ikomeza uguhuza no gufashanya kw’ibihugu vya Afurika, kandi igashira mu bikorwa mu buryo buboneka Agenda 2063.
Abakuru b’ibihugu bitavye iyo nama baremeje inyandiko y’amateka yiswe “Déclaration d’Alamein”. Iyo nyandiko igamije kwihutisha uguhuza ubutunzi bw’ibihugu vya Afurika, gukomeza no guha ubushobozi abikorera utwabo bo muri Afurika, hamwe no kuremesha Afurika gukoresha cane uburyo bwayo bwite bwo kuronka amafaranga yo guterera imigambi yayo y’iterambere.
