IbigezwehoMuburundiPolitikeUbutungane

Faustin avuga ko ivyabaye kubunywero bwiwe ari irempenanya kugira ngo afatwe

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem yatanze umuco ku vyerekeye ibigwanisho biherutse gutorwa ku muhana iwe i Kinyami mu Ntara ya kera ya Ngozi, kuri uyu wagatanu Ruheshi 2026. Ivyibonekeje kubunywero bwiwe yaciye avyita irementanya kugira ngo afatwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu ariko yibukije ko urugamba rwiwe atari urw’ibigwanisho ahubwo ari urugamba rw’ivyiyumviro, intwaro ibereye, guhindura ingendo yifashishije ivyo yize vyoteza imbere igihugu.

Faustin Ndikumana, Arongoye Ishirahamwe Parcem Burundi
Faustin Ndikumana, Arongoye Ishirahamwe Parcem Burundi

Yagize, ati : “Hari ku wa 17/5/2026″. Mu gihe hari haheze imisi hari ikibazo c’umuyagankuba biturutse ku cuma ca Regideso cari cahiye, haje abantu batigeze bamenyekana mu bunywero nk’abandi bose. Ariko baje batekeye inkoho, grenade, umwambaro n’ibirato vya gisirikare bishasha kugira ngo igipolisi giheze kize gusaka mu bucagucagu”

 

Faustin Ndikumana abandanya amenyesha ko Imana yakinze kuko uwujejwe umutekano ndetse n’abandi bakora muri ubwo bunywero bahavuye babibona hakiri kare maze babona gutabaza inyamiramabi nazo zirahashika nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro.

Uwo arongoye Parcem yavuze ko ikibazo ciwe kizwi mu giporisi mbere ko n’igiporisi cemeza ko catabajwe n’abakozi bakora muri ubwo bunywero. Ku bw’ivyo, Ndikumana yasavye ubutungane kurekura urwaruka rukora muri ubwo bunywero rupfunzwe ku mvo z’amatohoza kuko ku bwiwe, ntiyumva ingene abatabaje aribo baca bafungwa.

“Kuba mfise abansi ntibinca intege kandi ntibizombuza urugamba rwanje rwo kutavuga ibitagenda neza kugira ngo bikosorwe” niko Faustin Ndikumana yabandanije avuga

Yaboneyeho gutera akamo indongozi gukora ibishoboka vyose iyo ngendo igahinduka, ubutungane bagakora akazi kabwo.

Gushika ubu ntarwego rw’intwaro ruragira ico rubivuzeko!

Related posts

Buja TV kuri Star Times, kuri chaines 110.

Buja Media

Inkino, akaranga n’ikiyango, vyarahuje abarundi bava mu bihugu 9.

Buja Media

William Perry umukinyi mushasha w’ Urunani BBC,n’ibiki vyamuranze muri kahise?

Buja Media

Leave a Comment