IbigezwehoInkinoMuburundi

Vital’ó: Arsene Bucuti yasavye imbabazi

Umuvugizi wa Vital’o Fc Arsene Bucuti yasavye imbabazi abafana bayo inyuma y’amajambo y’amashusharugamba yari yashikirije imbere y’urukino bikarangira batsinzwe nk’abatashitse mu kibuga

Inyuma yo gutsindwa bandagajwe na Vision FC bari bigamvyeko bazoyitsinda bakayitera amaso n’ayandi majambo y’amashusharugamba, Arsene Bucuti yasavye imbabazi.

Ku rubuga rwa Vital’o ntiyatevye gusaba imbabazi aho Yanditse ati: ” Turashikirije abakunzi bacu dukunda cane imbabazi n’akababaro kacu kubera gutsindwa kw’uyu musi, ibitsindo 5-0. Nta muntu n’umwe yari avyiteze. Ni ugutsindwa gukomeye cane. Natwe mu barongoye umugwi, turumva ububabare nk’ubwanyu. Ntitwobesha, birababaza kubona Intare zacu zitsindwa gutyo.

Ntimwibagire: imigwi ikomeye ntipimwa ku gutsindwa, ahubwo ipimwa n’ukuntu yongera guhaguruka. Vital’O yararonse ibikombe, icubahiro n’ibihe vyiza, ariko yaranaciyemwo n’ibihe bigoye. Ni muri ibi bihe aho dukeneye kurushiriza kuba twunze ubumwe.

Bavukanyi, ego, birababaza. Ariko Vital’O iruta gutsinda rimwe. Si iminota 90 y’urukino gusa. Ni imyaka 60 y’amateka. Ni ubwana bwacu,Ni umwambaro twambaye tukiri bato,Ni rya jwi “VITAL’O OYEE” rituma tubandanya kubaho n’igihe tubabaye.

Uyu musi, Intare zaguye. Kandi zaguye bikomeye. Ubu ni bwo zikeneye abakunzi bazo kuruta igihe cose. Turaguye uyu musi, ariko turahagurukira hamwe, kugira ngo Vital’O ibandanye kubaho ibihe vyose.

Umufana w’ukuri ntahunga igihe imvura iguye. Aguma ahari kugira afashe kwubaka bushasha. Turahanagura amosozi yacu. Turahagurutsa abakinyi bacu. Igihe c’ihiganwa kirabandanya, kandi urukundo rwacu kuri Vital’O ntiruzokwigera rugwa.

Iyi ni yo ntsinzwi yacu ya mbere, kandi iratwereka ishusho nyakuri y’ihiganwa turimwo. Turabandanya kuba inyuma y’abakinyi bacu, inyuma y’abamenyereza. Turaguma duhagaze umutwe uri hejuru. Igihe c’ihiganwa kiracari kirekire.

Tuzogaruka dufise inguvu nyinshi kuruta mbere!

04 Gitugutu 2026

Arsène Lupin BUCUTI

Umuvugizi wa Vital’O FC

Related posts

Intamba mu rugamba zanganije na Indonésie.

Buja Media

BAL2025: Boissy yatsinze amanota 111,aba umukinyi wa mbere atsinze menshi kurusha abandi.

Buja Media

Ihiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa n’imiduga mu ntara ya Ngozi.

Buja Media

Leave a Comment