AmagaraIbigezwehoUbutunzi

« Arya mazi ahingurwa asigaye arura. Hakwiye kurabwa neza iyo ahingurirwa n’ivyo ahingurwamwo kugira amagara y’abantu akingirwe »

« Arya mazi ahingurwa asigaye arura. Hakwiye kurabwa neza iyo ahingurirwa n’ivyo ahingurwamwo kugira amagara y’abantu akingirwe » Gabriel Rufyiri

Ku wa 28 Nyakanga 2026, Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta, Olucome yaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Mu vyo yashikirije, yaragarutse ku mazi asigaye ahingurwa muri kino gihe asigaye ateye amakenga kuko hariho ayo usanga arura.

Gabriel Rufyiri agira ati : « Amazi ya kino gihe, turamaze kwumva ko hariho ayarura. Ibi bintu rero, bitera ingwara abenegihugu, bukebuke, za kanseri, n’ibindi kubera imiti bashiramwo mu kuyahingura, hagaca hiyongera ko ivyo bibazo vya BBN, vyo kuraba ubuziranenge bigoyagoya. »

Kubera ivyo, muri Olucome basaba bashimitse ko ivy’amahinguriro akora amazi vyokwirwa neza, bikanasuzumwa bikwiye, imbere y’uko amazi ashikira abenegihugu, kugira amagara y’abantu akingirwe.

Ikindi giteye amakenga Rufyiri avuga ni ibintu vy’ama ‘forages’ yagwiriye, ubu atawukimenya uwuhingura amazi n’uwutayahingura, ivyo asaba Reta ko vyokwitonderwa!

Related posts

Imiduga iduga ruguru igiye kuronswa igitoro na Sopebu vyoroshe.

Buja Media

CPI yasohoye umutahe kuri Vladimir Putin imwagiriza guhohotera agateka k’abana.

Buja Media

NANI MKHANI TOURNAMENT: Remesha 67-55 Urunani muri Final.

Buja Media

Leave a Comment