Mumahanga

Sarah Wilkinson, yamaze imyaka 20 yegeranya uburyo yirongora wenyene.

Mu gihugu c’Ubwongereza haherutse gushika ibintu abantu batari bazi yuko vyobaho bikaba vyatagaje abantu benshi cane. Umugore w’umwongerezakazi Sarah Wilkinson w’imyaka 42 yamaze imyaka 20 yegeranya amahera agera kuma pawundi ibihumbi 10, ni miriyoni 35 z’ amarundi kugira ngo ashike ku ndoto z’ubugeni bwiwe aherutse gukora ubukwe nawe nyene inyuma yo kubura umugabo nyawe wo kwubakana nawe. Hari kuwa 30 Nyakanga 2023.

Sarah Wilkinson yakoze ibirori  vy’ubugeni vyari bihagarariwe n’umugenzi wiwe i Harvest House mu gisagara ca Felixstowe i Suffolk. Ivyo vyabaye inyuma yukurindira umusore bokundana bakabana imbere y’amategeko, kuri Sarah akabona yuko ari iyindi ntambwe isanzwe inyuma y’uko yiyambitse impeta y’ukwiyemeza ubugeni we nyene.

Sarah Wilkinson avuga ko ubugeni bwiwe bwari  "bwiza cane", n'aho ata mufasha bari kumwe kuri Altari

Sarah Wilkinson iciyumviro caje gute?

Sarah Wilkinson amenyesha yuko iciyumviro co kwirongora camujemwo igihe yashikana imyaka 40 muri ca gihe isi yose yaterwa n’umugera w’ikiza ca CoronaVirus ibihugu nka vyose bifata ingingo y’amabwirizwa yo kuguma mu rugo, aca afata umugambi wo kwigurira impera yo kwiyemeza ubugeni (Bague de fiançailles/ engagement ring) yamye yipfuza kuva kera, harabonetse murubwo bugeni bwari buhagarariwe na Katherine Cresswell uretse yuko ari n’umugenzi wiwe  asanzwe ari n’umuhinga mu bijanye no gutegura ubugeni

Muri ibi birori yari yambaye ikanzu y’ubugeni yera nk’uko bisanzwe, igato (gâteau/cake) igizwe n’amagato agerekeranye, nyina wiwe akaba ari we yamuherekeza ati :”Nk’uko vyari bimeze kuri Sarah, kwari ugukoranya abantu kugira baryoherwe”, niko Cresswell avuga. Habonetse mwo abantu bashika 40 mururwo rubanza.

Kuruhande rwa Sarah Wilkinson avuga ko iciyumviro co kurondera umugabo muri kazoza ataho cagiye, ati: “Oya ntaho cagiye ni ukuba uravyihojeje gusa kuko bisaba inguvu nyinshi”.

Related posts

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Yvan Manager

NIJERI: Abasirikare 17 bapfuye mu gitero c’Abajihadiste.

Yvan Manager

“Abarwanyi 567 barishwe batera reta ya Uganda” Yoweri Museveni.

Yvan Manager

Leave a Comment