IbigezwehoMuburundiUbutunzi

Abashingamateka babona ko abarimyi b’ikawa batitaweho kuko uburyo bahabwa budashimishije

Kuri uyu wa 06 gitugutu 2026, abashingamateka barerekanye amakenga no kwibaza ibizo vyinshi bihanze igitegwa c’ikawa bafatiye, nyuma y’icegeranyo catanzwe n’umugwi wamaho uraba ibijanye n’ubutunzi bw’igihugu (Cour des Comptes) kijanywe n’ikigo ODECA gihingura kigashora ikawa.

Umushingamateka Misago Zachée yavuze ko abarimyi b’ikawa mu Burundi batitaweho kandi ko bataravye neza bashobora kubiheba. Ivyo yabivuze yisunze ko abarimyi b’ikawa mu karere turimwo no mu bihugu bibanyi batitaweho.

Umushingamateka Olivier Suguru we abona ko umuti woba ugushiraho umugwi uhurikiyemwo abarimyi n’abadandaza kugira bose bashobore kubikurikiranira hafi.

Mu guhumuriza Abashingamateka, Umushikiranganji Hassan Kibeya yamenyesheje ko kuri ubu ibice 95% vy’abarimyi b’ikawa bimaze kuronswa agahembo kabo. Nayo ngo ibice 5% bisigaye biri mu minwe y’abikorera utwabo ariko ko nahone batanze ikiringo c’indwi imwe kugira babe bahawe agashahara kabo.

Umushikiranganji yabandanije avuga y’uko impamvu bishika abarimyi ntibahabwe agashahara kabo ku gihe biterwa n’uko ikigo ODECA kidafise uburyo gihabwa na Reta, ahubwo ko gihabwa ingurane n’ibanki y’igihugu kigaheza kikishura hariko n’inyungu.

Yashimangiye y’uko ico kibazo bariko baraciga mu bushikiranganji ajejwe bafatanije n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta kugira barabe uko ico kigo gishobora kuronswa uburyo bwa Reta .

Related posts

Ibisikanya mu mabanga y’abagiye kurongora FEBABU.

Buja Media

Liliane Nshimirimana, umunyamabanga nshingwabikorwa mushasha mu kigo c’abamenyeshamakuru mu Burundi.

Buja Media

CECAAF2026: Uburundi na Kenya barusha ibindi bihugu amanota.

Buja Media

Leave a Comment