Ibigezweho

Uburundi buza imbere mu bwigenge bw’ibinyamakuru mu bihugu vyo muri kano karere.

Uburundi buza imbere mu bwigenge bw’ibinyamakuru mu bihugu biri muri kano karere k’afrika y’ubuseruko nkuko vyashizwe ahabona n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe (RSF) mu cegeranyo cuyu mwaka wi 2023, casohotse ku munsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru buhimbazwa uko umwaka utashe. Uburundi buri mu kibanza ca 114 mu gihe igihugu kiza ubwa nyuma muri kano karere ari Tanzaniya  mu kibanza ca 131 mu bihugu 180 vyokoreweko ico cegeranyo.

Uburundi mu kibanza ca 114 muri 180 mu bihugu bifise ubwigenge bw’ibinyamakuru.

Igihe isi yose ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwingenge bw’ibinyamakuru igenekerezo rya 3 Rusama, icivugo cuno mwaka “Twubake kazoza gashigiye kukubahiriza agateka kazina muntu n’ubwigenge bwo gushikiriza amakuru . Ico cegeranyo cishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe (RSF) gishira igihugu c’Uburundi mu kibanza 114 n’amanota 52.14 kw’ijana kiza mu kibanza ca mbere mu bihugu vyo muri kano karere kikakurikirwa n’igihugu c’Urwanda kiri mu kibanza 131 n’amanota 46.58 kw’ijana.

Igihugu ca Kenya nico casubiriye inyuma cane muri kano karere ubu kigira 116, icegeranyo c’umwaka uheze wi 2022 bari mu kibanza ca 69 ariko uravye kandi usanga Urwanda narwo rwarateye imbere ibibanza 5 imbere uno mwaka kuko umwaka uheze wi 2022 bari mu kibanza ca 136.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe(RSF) ishira mu kibanza munsi y’umurongo wa Orange, ibihugu bigoye gukorera uwo mwuga wo kumenyeshamakuru bisigura ibihugu bifise amanota ari hagati ya 40 na 55 kw’ijana.

Ibihugu vyo muri kano karere uko bikurikirana:

1/ Uburundi mu kibanza ca 114 kw’isi yose

2/ Kenya mu kibanza ca 116 kw’isi yose

3/ Congo mu kibanza ca 124 kw’isi yose

4/ Urwanda mu kibanza ca 131 kw’isi yose

5/ Uganda mu kibanza ca 133 kw’isi yose

6/ Tanzaniya mu kibanza ca 143 kw’isi yose.

Ibihugu 16 vyambere mu bwigenge bw’ibinyamakuru vyakozwe na RSF.

Ibihugu 5 vya mbere kw’isi yose:

1/ Norvège mu kibanza ca 1 kw’isi yose.

2/ Ireland mu kibanza ca 2 kw’isi yose.

3/Dernmark mu kibanza ca 3 kw’isi yose.

4/Suède mu kibanza ca 4 kw’isi yose.

5/ Finland mu kibanza ca 5 kw’isi yose.

Ibihugu 5 vya nyuma kw’isi yose:

1/ Turkmenistan mu kibanza ca 176 kw’isi yose.

2/Iran mu kibanza ca 177 kw’isi yose.

3/ Vietnam mu kibanza ca 178 kw’isi yose.

4/ Ubushinwa mu kibanza ca 179 kw’isi yose.

5/ Koreya ya Ruguru mu kibanza ca 180 kw’isi yose.

 

Related posts

Umuririmvyi Saïdi Brazza yitavye Imana.

Yvan Manager

Jimmy Ndayizeye na Saido Berahino bari mu batoye Messi muri FIFATheBest

Admin

Léonce Ngabo, Ednaky, Masterland na B Face bavuze iragi Saïdi Brazza abasigiye.

Yvan Manager

Leave a Comment