Imibano

Ukwahukana, amajambere canke ikiza ?

Muri iyi minsi ya none biravugwa  ko hariho ingo nyishi zisigaye zisambuka kubera habaye ukwahukana . Imvo zikaba ari ukutumvikana kuri iki canke kiriya,akarenganyo,ukudahuza mu mpande nyinshi. Bibaye uko ,umugabo canke umukenyezi aritura ubutungane asaba gutandukana n’uwo bari  barashimanye,gutyo umuryango ugatandukana kandi wabwirizwa kuguma mu bumwe.

Ukwahukana ni   bishasha mu Burundi ? Oyaa

Alexandre Shemezimana,,umuhinga mu vyigwa vy’imibano muri Kaminuza y’uburundi.

Niho abantu bamwe  babibafata  nk’ikiza cateye. Muri ino nkuru, dukurikirane umwihwezo wa Alexandre Shemezimana ,umuhinga mu vyigwa vy’imibano muri Kaminuza y’uburundi. Kubwa Alexandre Shemezimana, ukwahukana na kera vyariho ariko vyaboneka nabi kandi hariho ivyo imiryango yakora mu gukingira uwo muryango .

Yisunze  ubushakashatsi bwakozwe na Jean Baptiste BIGANGARA mu mwaka w’1986 « Pour une  ANTHROPOLOGIE DE LA FAMILLE » aremeza  ko  na kera umugabo yashobora kurekera  munzu akaja kubana n’uwundi mugore mushasha, kubw’ivyo bikorwa, imvo zabituma ni igihe umugore yaba adashoboye ibikorwa vyo mu rugo nko kurima canke ibindi.

Iwabo w’umugore iyo babimenye kare barashobora kurungika murumuna w’umugore kugira azomufashe ivyo bikorwa.

Umugore nawe  nyene yarashobora guheba umugabo kubera imvo  zitandukanye  maze  agasubira i muhira. Muri ico gihe ,haraho umugabo yaza kumutora iwabo ,bavyita gucura. Ariko rero ikibano nticabibona  neza ariko vyashika rimwe na rimwe umuryango ukamusubiza mu rugo bitwaje ngo ni uko zubakwa. Muri kubu rero iyo ngendo ya niko zubakwa iriko iragabanuka kandi ingo zirasambuka kubwinshi .

Igisubiramuhira, izina risa n’igitutsi

Umugore kare vyaramugora kwahukana n’umugabo kubera ko iyo umugore yirukanywe ntiyatahurwa i muhiira no mu kibano  ,baramutwenga ngo ni igisubiramuhira, yananiwe no kwubaka, vyaragorana kandi  ko aronka umugabo.

Hari ivyahindutse, tumenye gusoma ibihe

Ubu umugore arashobora kwibeshaho mu gihe urugo rutagenze uko yavyifuza kuko hari ababa bafise ubuzi bubaha amafaranga . Kubwa Shemezimana, ibihe vyarahindutse, hagati y’umugabo n’umugore ubu bompi barakora bagahuriza hamwe kugira umuryango ubeho bitandukanye na kera umugabo niwe yabazwa vyose mu bitunga urugo kandi niwe yafata ijambo rya nyuma. Ariko ubu n’umugore aragira ico avuze mu vy’urugo kuko nawe aragira uruhara mu kubirondera iyo rero umugabo aciye agomba kugumana bwabubasha bwa kera yari afise, umugore ntabimwerere bica vyanka. Umugore arondeye kugira ijambo muvy’urugo umugabo ntabimwemerere naho nyene bica vyanka.   Mu rugo rero bose bahamagarirwa kumenya ko ibintu vyahindutse wa mugore wa kera yaguma muhira agatega ivyo umugabo amuzaniye vyarahindutse,kuko umugore nawe arafise ivyo akora ; nawa mugabo wa kera yaronderera urugo akazanira umugore ivyo yarondeye navyo siko biri, vyarahindutse, ntakihari.

Bavuga ngo umugabo ni umutwe  w’urugo. Nukumenya ko umugore nawe ari umutima w’urugo. Gutyo abubakanye bamenye ko ari magiriranire, bubahane.

Related posts

Mpfubusa akora mu bushikiranganji bw’intwaro yasiguriye uko ukuntu akora ubworozi bw’inkwavu.

Yvan Manager

Igenekerezo rya 8 ntwarante, ni umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.

Yvan Manager

Abaririmvyi bi Ngozi bashizeko ikimenyetso kumva ya Saïdi Brazza kugira ntihazimangane.

Yvan Manager

Leave a Comment