IbigezwehoPolitike

E. Ndayishimiye yahaye umubonano Umunyamabanga Mukuru wa ONU imbere yuko inama igira 11 itangura.

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ahejeje kwakira mu biro iwe, Antonio Guterres Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaje mu nama igira 11 y’ abakuru b’ ibihugu n’ amareta bashize igikumu ku masezerano y’ amahoro n’ umutekano mu buseruko bwa Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo no mu karere, yo gukurikirana amasezerano ngenderwako yabereye i Addis Abeba. Iyo nama ikazobera ku kirimba c’ Umukuru w’ Igihugu i Bujumbura, izoba kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Rusama 2023.

Nkuko Buja FM yagiye irabikurikirana hafi, kuruyu wa 5 Rusama abategetsi batandukanye bagiye barashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu bitiriye Melchior Ndadaye baje muriyo nama izohuza ibihugu 13 harimwo n’amashirahamwe mpuzamakungu 4 nk’akarorero ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika UA, inama y’ibihugu bihurikiye mu muryango w’ibiyaga binini CIRGL hamwe n’umuryango w’ibihugu vyo mu bumanuko bw’Afrika SADC. Mu bizokwigwa harimwo kurabira hamwe aho intambwe igeze mu bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo kugarukana amohoro mu buseruko bwa Congo (RDC) hamwe n’intambamyi zibonekeje.

Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi Gervais Ndirakobuca niwe yakiriye mugenzi we w’Urwanda Edouard Ngirente, aje mu bikorwa vy’inama ya 11 y’abakuru b’ibihugu n’amareta vyashize igikumu ku masezerano y’amahoro mu buseruko bwa RDC.

ImageUmukuru w’Umurwi w’Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mamahat, yakiriwe na Marie Chantal Nijimbere umushukiranganji Ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi.

Image

Faustin-Archange Touadéra arongoye igihugu ca Centrafrique abaye Umukuru w’igihugu wambere yashitse kur’uyu wa 05 Rusama 2023 ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye yakiriwe na Prosper Bazombanza icegera c’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi. Yaheruka mu Burundi mu mwaka uheze 2022 aho yari yitabiriye ibirori vyo guhimbaza imyaka 60 Uburundi bwari bukwije bwikukiye

Image

Wycliffe Musalia Mudavadi Umunyamabanga wa mbere mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Kenya yakiriwe na  mugenziwe Umushikiranganji wambere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca.

Ibizova muriyo nama, uruganda rwa Buja Fm ruzobabwira bikuru bikuru bizova muriyo nama.

Ivyo biruko mu gihe ayo masezerano yateweko umukono i Addis-Abeba mu gihugu ca Ethiopie, ku wa 24 Ruhuhuma umwaka wi 2013.

 

 

 

Related posts

RWANDA: Nabifashe nk’inkuru, Tshisekedi yipfuza guhindura ubutegetsi bw’u Rwanda.

Buja Media

Liliane Nshimirimana, umunyamabanga nshingwabikorwa mushasha mu kigo c’abamenyeshamakuru mu Burundi.

Yvan Manager

Jimmy Ndayizeye na Saido Berahino bari mu batoye Messi muri FIFATheBest

Admin

Leave a Comment