IbigezwehoImyidagaduro

Léonce Ngabo, Ednaky, Masterland na B Face bavuze iragi Saïdi Brazza abasigiye.

Abaririmvyi batandutanye bo mu Burundi bagize ico bashikirije kuco umuhisi Saïdi Brazza asigiye nk’iragi abaririmvyi biki gihe harimwo kwandika neza indirimbo zirimwo ubutumwa buhanura. Bamwe mu baririmvyi bakomeye nka Léonce Ngabo yaririrmvye mu myaka yi 1980, yavuze ko baherukana inyuma y’ indwi 2 amubwira ukuntu ariko arategura kw’ibuka umuhisi Canjo Amisi yitavye Imana igenekerezo rya 6 Ndamukiza 1996.

Uyu musi mu gitondo, abantu bose bavyutse bumva inkuru mbi y’ incamugongo y’urupfu rwa Saïdi Brazza. Abaririmvyi batandukanye bagize ico babwira Buja Fm, ukuntu bari bamuzi nico abaririmvyi buno musi abasigiye bazomwibukirako:

Léonce Ngabo umuririmvyi wo mu myaka yi 1980.

Léonce Ngabo yavuze amajambo twashize mu kirundi: ” Mpejeje kuronka inkuru biciye kumbuga ngurukana bumenyi k’ urupfu rwa Saïdi Brazza. Haciye indwi 2 twarahuye turaganira, yariko abwira ukuntu ariko arategura kwibukana iteka umuhisi Canjo Amissi. Ehe raba, aragiye adakoze ico gikorwa ciza. Imana yakire umushaha wiwe. Ndifandikanije umubabaro n’ umuryango wiwe, ishirahamwe ry’ abaririmvyi bo mu Burundi, kubakunzi b’ umuziki, n’ abagenzi biwe baza kwakira iyo nkuru yo kubura umuririmvyi yakunda igihugu”.

Masterland arikumwe na Saidi Brazza n’ abahungu 2 biwe (Kim na Iwacu Noah).

Umuririmvyi Masterland yamumenye agitagura gukunda kuririmba, Saïdi Brazza twamumenye kubera ikigo yarafise c’ igisha umuziki i Ngozi: ” Nari nkiri muto igihe natagura kumumenya kuko twari dufise imyaka 5. Saïdi Brazza yari afise ikigo yise ”Rock Bujumbura Kugasaka” niho twataguriye kwigira ivy’ imiziki, mfise inyota y’umuziki. Mu ndirimbo ziwe zose nta ndirimbo nigeze numva yihayagiza, ahubwo yavuga abandi nka harya yaririmbiye abagendana ubumuga. Gushika nubu sintari bwigere ndamubona agira nabi imyaka yose nari ndamuzi, vyukuri yaragendera iragi ryaba rasta. Kuruyu wa gatandatu twaravuganye ariko ambwira umugambi afise wo kwandika igitabo yari kwita ”Blackhistory” kirimwo ubuzima bwiwe nubwabantu bandi bagize ico bamara muri Afrika. Sinarinziko yariko aransezera. Iragi asigiye abaririmvyi buno musi nuko bomenya ko umuziki atari igikoresho co kwinezereza ahubwo ar’ inzira nziza yo kubwira abantu ubutumwa buremesha. Uravye akarangamutima kiwe warabonako yabona kure.”

Ednaky umuririmvyikazi yataguye kuririmba mu 2008.

Ednaky umuririmvyikazi wo kuva mu 2007: ”Jewe twaherukana vuba cane mu bikorwa rusangi vyari vyateguwe n’ ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi vyabereye ku kibuga Intwari. Twaravuganye ku mugambi w’indirimbo twari twatanguye ariko Imana yashimye kumutwara kuko niyo imukunda kuturusha kumbure nzoronka abandi tuyikorana. Abaririmvyi iragi adusigiye, tuzoguma tumwibukirako niryo kwandika neza indirimbo zifise ubutumwa bwiza kandi indirimbo zizoguma zivuga imyaka yose nk’akarorero nkirya ndirimbo ”Burikukiye”, igihe cose tuzokwibuka intahe yo kwikukira indirimbo izokwama ivuzwa”.

B Face umuririmvyi yamenye Saidi Brazza mu 2010.

B face: ”Kubwanje Saïdi Brazza ndamushira mu rwego nkaba Jean Christophe Matata, Canjo Amissi n’ abandi ba kera naho bataririmvye mu gihe kimwe. Indirimbo zabo uyu musi turazivuza kandi bamaze imyaka baritavye Imana. Ico namubonyemwo n’ indirimbo zitandukanye yaririmvye zirimwo ubutumwa butandukanye nubwo uyu musi turirimba”.

 

Related posts

The Beatles wasohoye indirimbo hakoreshejwe ubuhinga inyuma y’imyaka 53 utakibaho

Yvan Manager

LUMITEL WOMEN’S LEAGUE: Fofila PF 20-0 RainBow.

Buja Media

Khadja Nin ninde, yatanguye gute ubuzima bwo kuririmba?

Yvan Manager

Leave a Comment