IbigezwehoInkino

Patrick Kanianga asaba ikigongwe, inyuma yo kwirukanwa mu mw’ iherero w’Intamba mu Rugamba.

Patrick Kanianga aremera ikosa yakoze ryo gucerwa mu myimenyerezo no kutitwara neza hanze y ikibuga niyo yabaye intandaro yo gusezererwa mu mwiherero wo gutegura umurwi nserukira gihugu. Patrick kubwiwe asaba ikigongwe bose bafise ico bafasha uwo murwi nserukira gihugu akamenyesha yuko vyavuye ku kibazo afise mu muryango ngo kuko kuba mu murwi nserukiragihugu bizomwugururira amahirwe menshi muri kazoza.

Kubera ukutigenza neza no kwerekana inyifato itameze neza nivyo vyatumye Etienne Ndayiragije umumenyereza mukuru wintamba mu rugamba yirukana Banza Patrick Kanianga vyabaye ku musi wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante 2023.

Hussein Shaban Tshabalala, mu myimenyerezo y’ intamba mu rugamba yabaye uyu musi.

Umukinyi w’umusatirizi w’umurwi wa Bumamuru Fc Patrick Banza Kanianga ntakiri mu mw’ iherero w’ umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba n’abakinyi bariko bitegurira inkino zo gukurakuranamwo z’ abakinyi bakina mu bihugu vyabo CHAN. Mu myimenyerezo yo kuri uyu wa kane hakaba habonetse abandi bakinyi Hussein Shaban Tshabalala na Justin Ndikumana, bari mu batumweko mu mugwi nserukiragihugu bazofata urugendo bagana muri Indonésie gukina inkino zibiri za kivandimwe n’ico gihugu. Ku rutonde rwa Fifa, Uburundi buri mu kibanza ca 141, Indonésie iri mu kibanza ca 151.

Amwe mu makuru yo mw’ibanga tumaze kumenya avuga ko Patrick  Kanianga yemera amakosa bamwagiriza yo gucerwa , kubwiwe avuga ko afise ikibazo gikomeye  cumuryango, yasaba imbabazi indongozi zose zikurikiranira hagufi uwo murwi  nserukiragihugu , Patrick aheraheza avuga ko ugucerwa mu myimenyerezo atari ivyiwe. Etienne Ndayiragije yavuze yuko atazokwihanganira umukinyi azokwitwara nabi igihe cose azoba ahagarariye uwo murwi nserukira gihugu.

Ndikumana Yamini Selemani yigeze kwirukanwa mu murwi serukira gihugu muri CAN 2019.

Subwa mbere habonetse umukinyi yirukanwe mu murwi nserukira gihugu,  mwomenyako mu 2009, Ndikumana yamini Selemani yirukanwe kumvo zuko yagararije amategeko yumumenyereza Olivier Mutombora hasigaye gusa imisi 2 kugira CAN itangure yabereye mu gihugu ca Misiri.

 

 

Related posts

Ihiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa n’imiduga mu ntara ya Ngozi.

Yvan Manager

FFB: Urutonde rushasha rw’abakinyi nserukiragihugu.

Yvan Manager

Ihiganwa rya Rallye ryarahagaze inyuma y’urupfu rw’umwe mubakinyi bawo.

Yvan Manager

Leave a Comment