IbigezwehoInkino

Volleyball: Muzinga iratwaye igikombe mu bigeme.

Ku ruhande rw’ abigeme, umurwi Muzinga uhejeje gutsinda i set 3 kuri 1 ya PTT mu rukino rwa nyuma mw’ihiganwa ryo kugurura ihiganwa ryateguwe n’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaboko mu Burundi (FVBV) mu ntumbero yo gutaguza neza ihiganwa ry’umwaka 2022 -2023, babaha ibahasha ry’ibihumbi 500 hamwe n’igikombe.

Umurwi Muzinga w’ abigeme waheruka gutwara igikombe c’ igihugu wi 2021 ushira wi 2022 utsinze PTT nyene kuma set 3 kuri1, yaciye igira incuro 7 itsinze.

Muzinga yatwaye igikombe ca mbere muri uno mwaka wi 2023 inyuma yo gutsinda i set 3-1 EGIA kuruyu wa gatandatu uheze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Related posts

Sylvain Nzikoruriho yatowe gutwara ishirahamwe FEBUKA imyaka 4.

Buja Media

Ihiganwa rya Rallye ryarahagaze inyuma y’urupfu rw’umwe mubakinyi bawo.

Buja Media

Real Madrid na Arsenal biraherera he?

Buja Media

Leave a Comment