Imyidagaduro

AMAZI WATER: Bateguye ikarashishi ku munsi mpuzamakungu wahariwe amazi.

Ishirahamwe Amazi Water ritanga amazi meza ribicishije mu mugambi wabo witwa  ’’AMAZI KURI BOSE’’ rizohimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amazi uba uko umwaka utashe kw’ igenekerezo rya 22 Ntwarante 2023. Ni muriyo ntumbero iryo shirahamwe ryateguye ikarashishi ridasanzwe bise ”Amazi Water 5Km Fun Run” igice ca kabiri ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 25 Ntwarante 2023 kuva isaha imwe n’ igice (7h30) gushika isaha zitanu n’igice (11h30) zo mu gatondo.

abitabiriye ”Amazi Water 5Km Fun Run” igice ca mbere.

Ka kazoba ari akaryo keza ko kwigisha akamaro k’ amazi ava mw’ isi, kwitwararika isuku, n’ ibindi bijanye no gukoresha neza amazi. Abazoba bapfuza kwitabira iyo karashishi bakazohurira kubiro vy’iryo shirahamwe, bazoriha amahera ibihumbi cumi ku barundi n’ ibihumbi 20 ku banyamahanga.

Abashaka kwiyandikisha, buzuza aho.

Abipfuza kwifatanya niryo shirahamwe bo kwiyandikisha boca kuri : https://form.jotform.com/230290984076057

Related posts

Amashene mashasha 9 y’ Igiswahiri kuri Canal+.

Yvan Manager

The Beatles wasohoye indirimbo hakoreshejwe ubuhinga inyuma y’imyaka 53 utakibaho

Yvan Manager

Inyuma y’imyaka 6, Spoks agarutse n’idirimbo “Mashup”.

Yvan Manager

Leave a Comment