Inkino

Paul Kagame akina umupira w’amaguru.

Umukuru w’ Igihugu c’ Urwanda Paul Kagame yabonetse ariko arakina umupira w’ amaguru mu gihe bari bahejeje kugurura ikibuga bitiriye umuhisi Pele yitavye imana afise imyaka 82, Paul Kagame yari arongoye umurwi warimwo abahoze bakina uwundi murwi harimwo Gianni Infantino atwara fifa kw’ isi warimwo abari mu nzengo atwara.

Umurwi warimwo Paul Kagame watsinze 3-2 umurwi wa Gianni Infantino. Urwo rukino rwabereye kurico kibuga Pele Staduim cahoze  citwa Nyamirambo Regional Stadium, vyasabwe n’ umukuru w’ ishirahamwe ry’ umupira w”amaguru kw’isi Gianni Infantino, aho yavuze ko azosaba ibihugu vyose biri muri FIFA kugira ikibuga kimwe vyitirira igihangange mu mupira w’ amaguru kw’ isi Edson Arantes do Nascimento.Urwanda rubaye igihugu ca Kabiri muri Afrika citiriye ikibuga carwo Pele, inyuma y’igihugu ca Cap Vert.

Ni urukino rwabonetsemwo abawigeze ku rwego rw’isi ndetse n’abahagarikizi,ku ruhande rw’ Umukuru w’ Igihugu Paul Kagame, hari abakinyi nka Jay Jay Okocha yamenyekanye cane mumupira muri Nigeriya, Patrice Motsepe muri CAF, Jimmy Mulisa, Kalekezi Olivier n’abandi.Kuruhande rwa Gianni, harimwo abakinyi nka Youri Djorkaeff yakinye mumirwi nka PSG na za Monaco, Gilberto Silava yakinye muri Arsenal n’abandi.

Twobamenyesha ko Umukuru w’Igihugu c’ Urwanda bamuhaye agashimwe nk’ Umukuru w’ Igihugu  yateje imbere cane umupira wa maguru uyu mwaka uheze wi 2022, akunda umurwi wa Arsenal.

Related posts

Intumwa zidasanzwe za FIFA zashitse ku kibuga Intwari.

Buja Media

RÉAL MADRID vs BARCELON: NINDE AFISE MAHIRWE YO GUTSINDA ?

Buja Media

Muso Sugar muri Primus League Burundi.

Buja Media

Leave a Comment